Français

Article

Inzego z’umutekano zararonkejwe inyigisho z’agateka kazina muntu

Muri urwo ruganda rw’inyigisho, intwazangabo 15 zo mu rwego rwa gisirikare , 10 bo mu gipolisi c’igihugu hamwe na 10 bo murwego rujejwe igendereza ry’igihugu zararonse impapuro z’umutsindo mu vyirwa zahoramwo zijanye no kubahiriza agateka kazina muntu.

Umushikiranganji w’umutekano, Komiseri  Gabriel Nizigama akaba ariwe yari yateye iteka ryo gusozera izo nyigisho akaba yarashimiye abigisha mu gikorwa co kwitanga bagize kugira umwimbu ushimishije uboneke nkuko duhejeje  kuwubona.

Yaramenyesheje ko leta y’Uburundi yihaye intumbero yo kuronsa ubumenyi buhagaji abagize inzego zijejwe umutekano.Aho akaba ari  mu ntumbero yo kuzishira ku rugero rw’izindi nzego mpuzamakungu hamwe n’izo muri kano karere ka Afrika y’Ubuseruko. Intambamyi zagiye ziratorerwa inyishu uravye ubutwari bwagiye burerekanwa n’inteko z’uburndi ziri mu bikorwa mpuzamakungu vyo kugarukana amahoro n’inyinshi aha ni mu bihugu nka Somalie, Cote d’Ivoire , Centrafrika ,Sudani eka n’igihugu ca Haiti.

Uwaserukiye leta muri vyo birori akaba yaboneyeho gukeza abagisha bashasha bahejej kuronka impamyabushobozi mu vya agateka kazina muntu.Yaramenyesheje ko  bateye intambwe mukuja mu rwago rw’ abagisha mu vyerekeye agateka ka zina muntu. Umushikiranganji  w’umutekano akaba yarashimye infashanyo zitari nke zatanzwe n’abafasha Uburundi nka BINUB, CNIDH hamwe n’urwego mpuzamakungu rujejwe agateka ka zina muntu haba uburyo bw’amafaranga ,ibikoresho n’ibindi.

Uwurongoye urwo rwego mpuzamakungu rujejwe kwubahiriza agateka kazina muntu mu Burundi , ati urwo ruganda rwo gusozera ivyo vyirwa mu nzego zijejwe umutekano rufise uruhara ntangere mu guteza imbere agateka kazina muntu , ukwishira n’ukwizana  eka no gushikiriza ivyiyumviro hamwe n’intwaro rusangi mu nzego zijejwe umutekano. Izo nyigisho n’igikorwa mu bindi  bikorwa bijanye no gutsimbataza  intwaro ibereye  mu nzego zijejwe umutekano. Yaramenyesheje kandi ko mu gihe c’intureka mu gihugu, urwego rwa gisirikare rutegerezwa kubahiriza agateka ka zina muntu mu bikorwa zarwo vya minsi yose.

Mu rwego rujejwe umutekano naho, abarugize bategerezwa kubahiriza ibisabwa ngenderweko ku bijanye n’ugukoresha inguvu n’izisabwa n’amategeko mpuzamakungu mu kazi kabo ka minsi yose.

Inzego zose zijejwe umutekano  zitegerezwa na ntaryo kubahiriza amategeko mu gutunganiriza abanyagihugu hamwe  no gukingira abanyagihugu mu bikorwa vy’ubukozi  bw’ikibi.

Maj NSABIMANA, F. 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi