Français

Article

Umwimenyerezo wri wahagaze wasubiye gutangura

Amahiganwa ahuza abasirikare bo ku mirwi y’amapeloto yarasubiriye gutanguzwa mu gisirikare c’Uburundi.Ayo mahiganwa akaba yaheruka mu mwaka wa 1990 biturutse ku bihe bigoye igihugu caciyemwo.

Ibirori vyo kwugurura ayo mahiganwa bikaba vyabereye mw’ikambi y’121 y’abapara.Mw’ijambo ry’ikaze,uwurongoye ibiro bikuru vy’abasirikare barwanira hasi Jenerali de Brigade Ndayishimiye Joseph yamenyesheje ko umusirikare ategerezwa kwigishwa kugira ashobore gukora neza ico azi.  Ninaco gituma inyigisho n’imyimenyerezo vya gisirikare bigumana ikibanza ca mbere mu gisirikare c’Uburundi.Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka n’umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto z’Uburundi Jenerali Majoro Niyongabo Prime.Mw’ijambo ryiwe akaba yabanje gushimira no gukeza abasirikare bose b’Uburundi k’ukugene bama na ntaryo bitanga batiziganya kugira batere iteka igihugu cabo bongere bitere iteka hamwe n’igisirikare cose.Naho hari intambwe ishimishije mu nyigisho zo gukomeza no kugarukana amahoro,Jenerali Majoro Niyongabo  Prime asaba abo bose barongoye abandi kwama na ntaryo bitwararika inyigisho ku bo barongoye. Ku bwiwe rero,ayo mahiganwa azotuma hamenyekana abasirikare bigishijwe neza gusumba abandi bigaca bituma abarongoye igisirikare babona aho bakwiye gushira inguvu gusumba ahandi. Abasirikare bitavye ayo mahiganwa bakaba baje bava mu ntara za gisirikare uko ari zitanu hamwe n’abavuye mu makambi akoresha ibirwanisho bikomakomeye .Bakaba bahiganwa mu bintu bishika umunani uhereye guca ku mitego,kwiruka ibilometero umunani,gutabarana,kurasa,umwimenyerezo hagati y’abarongoye abandi, gutambukira  no gukora ikintu cose ku mwanya umwe,gukoresha ibirwanisho hamwe n’ukurushanywa bakoresheje amakarata.Intara yose ya gisirikare ikaba yaserukiwe n’umurwi w’abasirikare bashika mirongo ine ari bo bagereranywa n’ipeloto.Uguhiganwa mu guca ku mitego akaba ari kwo kwasozereye ayo mahiganwa kugira abatumire bahire bashobore  kuratira ijisho ku munsi wo kuyasozera.Ababaye aba mbere muri vyose akaba ari abasirikare bo mu ntara ya kabiri  ya gisirikare  bakaba baronkejwe igikombe n’ ibahasha ingana n’umuliyoni n’ibihumbi amajana atanu mu mafaranga y’amarundi.Ayo mahera akaba angana n’ishashi y’inka ya kijambere.Abatwaye ikibanza ca kabiri akaba ari abasirikare bo mu ntara ya gatanu ya gisirikare nabo bakaba baronkejwe igikombe n’ibahasha y’amafaranga y’amarundi angana n’umuliyoni.Ababaye aba gatatu akaba ari abasirikare bo muri birigade y’inkoho za rutura.Abo nabo nyene bakaba baronkejwe igikombe n’ibahasha y’amafranga y’amarundi agera ku bihumbi amajana atanu.Ayo mafaranga akazobafasha kworora inkoko.Iruhande y’ivyo bikombe n’amabahasha hakaba haratanzwe n’udushimwe tutari duke twahawe ababaye aba mbere ku giti cabo.Ayo mahiganwa ahuza abasirikare bo mu ntara zose ku rwego rw’amapeloto akazokwama atunganywa uko umwaka w’inyigisho utanguye mu gisirikare c’Uburundi.Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto ku musi hasozerwa ayo mahiganwa. 

Capt NININAHAZWE , JMV.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi