Français

Editorial

Tugerageze kudsubira inyuma

Umwaka w’2014 uratashe. Udusize mu bibazo  twiyumvira ko uyu mwaka utanguye  uzodusiga tukigenda n’amaguru abiri. Nta numwe abizi.  Ico ni ikinyegezwa c’imana. Nta numwe azi ko mu ntango y’umwaka, hagati yawo canke mu mpera zawo ko azoba akiriho. None ivyo ntibihagije kugira twese dukore iciza na cane cane dukorere iciza bagenzi bacu nkuko natwe dushaka ko twokorerwa iciza. Mbe ko wavutse ufise amaguru abiri, amaboko abiri nk’urya mugenzawe, ntiwokwiyumvira ko nawe nyene ivyifuzo vyiza vyaba ivyo kubaho neza canke ibindi ko nawe nyene avyifuza. Imana yo nyene yaratoye uko abantu tubwirizwa kubana.

Mu kirundi bavuga ngo NTABANGANA. Ari naco gituma twese twokora ineza mu buzima bwacu bwa misi yose, ibindi imana izovyikorera yo nyene. Ntimubona ko imana mu binyegezwa vyayo yashatse ko twokwigenga ubuntu tukubahana muri vyose na hose. Mbega ko hari incuti zawe zitashoboye kumara uwu mwaka, weho woba watanze iki kugira ubu ube wicaye ngaha uri.

 Ibi bitwereka ko dukwiye kwicisha bugufi tukarekera ibindi imana yo nyene. Ni yo izi igituma wewe uri aha utari hariya ; irazi igituma urya adutwara mugabo atari wewe canke urya wundi ; irazi igituma turaha kandi iyo ntebe wicayeko niyo yaguteguriye uno munsi. Kora ineza, usenge, ushime ejo naho izokwereka ahandi uzoba wicaye. Nitureke rero gukoreranira ikibi, tureke kwigizanyayo, tureke kwicana kuko imana yo nyene yarashizeho uburyo dusangira ivyo yaduhaye ata wandya wangura. Nitwibuke rero ko ivyo dukora vyose Imana iba iriko iraturaba.

Ingabo z’Uburundi ntako zitakoze kugira zicungere umutekano w’abanyagihugu, ivyo zitaranguye neza navyo, ziyemeje kubirangura mu mwaka uza kugira abanyagihugu barangure neza imirimo bajejwe. Abanyagihugu bacu nta vyinshi badusaba barundi, badusaba ko tubacungerera umutekano nabo bakaturonsa uburyo bwo kubikora. Basaba abo muri Leta, abashingamateka, abakenguzamateka, abigisha, abaganga n’abandi ko babakorera neza maze nabo bakabahemba. None mwumva  iyo batwidogeye ko tutabakoreye neza  baba barira busema ?

Abarundi n’amakungu bahanze amaso umwaka uza mu Burundi kuko hazoba amatora gushika ku rwego rw’umukuru w’igihugu. Umugwi ujejwe kuyatunganya CENI ufise igikorwa gihambaye co kuyatunganya neza gushika arangire. Babwirizwa gukorera bose ata nkunzi kandi ibikorwa vyabo bibwirizwa kuba ari ibikobwa bitunganiriza bose. Babwirizwa kwirinda guhengama kugira bagumane ishusho ryiza. Iki kiringo rero kirahambaye kandi gisaba abantu bamize koko akabuye k’abagabo.

Nyen’icubahiro umukuru w’igihugu ntasiba kugabisha ko uwuzotangura intambara ata ntambwe n’imwe azotera. Igisirikare c’Uburundi ico cifuzo kizogishira mu ngiro kuko kirazi ico ntambara ivuze kuko carayigwanye. Ntidushaka na gato gusubira iyo twavuye. Ntihagire rero uwifuza canke ngo arote intambara mu gihugu c’Uburundi kuko nta numwe yokwungura.
                                           
  Tubifurije umwaka mwiza mwese !

Maj. Sindayigaya, G.
 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi