Français

Humour

Utuntu n'utundi R93

1. Abakobwa babiri bariko barayaga muri bus:


Umukobwa  1 : umugabo wokwemera yoba ameze gute ??
Umukobwa 2 : ategerezwa kuba  afise umuliyaridi
Umukobwa 1 : Uwo nawe atabonetse ?
Umukobwa  2 : yoba afise imiliyoni nyinshi
Umukobwa 1 : Uwo nawe atabonetse ?
Umukobwa 2 :  Akaba afise umuliyoni umwe kuri compte
Umukobwa 1 : Uwoza ugasanga afise ibihumbi amajana atanu wewe ?
Umukobwa 2 : uwo nopfa kumwemera
Umuhungu yari hano yisinzirirako inyuma yabo bakobwa araba umuhungu bari bicaranye ati : ukumva abo bakobwa bageze ku gihumbi undye akara mugenzi !

2. Umukecuru yajanye n’ akuzukuru kiwe  mu kaguriro hanyuma uyundi nawe atora igisuguti kandi inakuru atakirishe, Inakuru aca umubwira ati : « Diplôme, subizaho igisuguti c’abandi ». Umudandaza abaza wa mukecuru ati : « Mbega ni kuki uyu mwana wamwise Diplôme ? » Umukecuru ati : « Nyina namurungitse kwiga nawe anzanira uyu mwana. »    


3. Umukobwa w’umuyabaga yagiye kw’isoko kugura impuzu ashitseyo agura uduhuzu tugufi tugufi. Ashitse i muhira aratwigera, aja mu cirore ariraba arasubira. Ahejeje ahamagara nyina aramwereka, aca amubaza ati : « Mbe mawe, utu duhuzu ubona tutambereye ? » Nyina wiwe aritegereza aca amwishura ati : « Urazi ga kibondo, iyo nambara nk’utwo nkingana ukwo ungana, uba uri umukecuru »


4. Umunsi umwe abagabo babiri bariko baraja gutegera umuduga, bashitse ku gituro basanga irahagurutse nabo bayirukako, ariko umwe arashobora kwurira. Uyu asigaye aca aratwenga  gose, sinzi uwamubonye mu bari aho aca amubaza ati : « Wewe uriko uratwenga kandi umuduga ugusize ? »Nawe ati : « Urya ubonye yuriye, burya yari uwumperekeje ! »

5. Inyuma y’ubukwe bwa  Supesiyoza na Gisiga batashe bashitse ku buriri, Supesiyoza abaza  Gisiga ati : « Urabona Gisiga wanje, je nari nkiri isugi, urabe ubanze unsigurire ukwo bigenda ». Gisiga utanka nawe ati : « Ntugire ikibazo mwiza wanje. Kuva ubu igitsina cawe citwa agasho nanje icanje citwa umunyororo, yongerako rero ati egera hano rero twibanire. » Nuko umunyororo yinjira agasho, umubano uba uratanguye. Haheze nk’isaha, Gisiga  ariruhutsa, Gisiga yumva akajwi ka Supesiyoza kavuga gati : « Gisiga  wanje, wa munyororo  erega aratorotse agasho ! ». Gisiga nawe ati : Eeeh ,reka ndamugarukane ! Hanyuma Gisiga asubiza umunyororo mu gasho arateba araruha.  Haheze igihe yumva Supesiyoza asubiye guhamagara ati : « Wa mupfungwa aguma atoroka agasho ! » Gisiga yishura n’ishavu n’akantu ati : « Ninde yakubwiye ko yaciriwe umunyororo w’uguherayo ?»

6. Abantu bari mu munsi mukuru w’ubukwe hanyuma hagera igihe c’inzimano. Abo bantu bari biteguye hari ibinyobwa n’imfungurwa nyinshi , babaze n’ibimasa binuze. Abazana inzimano barazana umuceri  utekanye n’inyama bimwe bita « ipilawu ». Uwutanga amajambo arahaguruka ahamagara Pasitori yari ngaho ngo ahezagire izo nzimano. Pasitori arahaguruka azikubitijeko amaso abona za nyama zinuze zimota neza aramwenyura aca arahumiriza avuga ati : «  Bakristo bene data muvyaguruke dushimire  Imana yaduhaye izi nzimano » Ariko aba bazimana bazana ibindi bongereza kuri bimwe vya mbere inyama zica zija munsi.  Pasitori ngo ahumure amaso aca aritangaza abwira aba ati : « Murindire bene Data bagarukane ivyo nasabiye umuhezagiro ».

Category: 

Domaine: 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi