Article

Umugambi wogucungera umutekano w’amatora waragiye ahabona

Abarongozi bakuru bakuru mu bushikiranganji bw’umutekano hamwe nab’ukwivuna abansi be n’abagize umugwi ujejwe ibibazo vy’umutekano barahuriye mu gatutu k’intwazangabo zikorera mu karere ka Bujumbura kugira berekane umugambi bateguye wogucungera umutekano w’amatora.

Umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’umutekano yamenyesheje ko inzego z’igihugu zavuye mu matora y’2010 zigiye kurangiza ikiringo cazo. Mu kwubahiriza ibwirizwashingiro, amatora azoba mu mwaka uza w’2015. Nico gituma inzego zijejwe gucungera amahoro n’umutekano   gucungera umutekano w’amatora zibwirizwa gutora uburyo bwo kuyacungera, kwumvikana intumbero yogusabikanya ivya rusangi; kuraba abakozi hamwe n’ uburyo bukenewe; gutora intumbero yokurungika abazocungera amatora ku kazi; uburyo bwogutumatumanako amakuru hamwe no gutora uburyo bwokuyacungera no kuyagendura.

Harashikirijwe rero uburyo bwogucungera amatora. Ubwo buryo ngo bwisunga intumbero igipolisi c’Uburundi cihaye co kwegereza igipolisi abanyagihugu hamwe no gutaturira amatati hamwe. Ubwo buryo rero bugizwe n’abarongoye abandi ku rwego rw’igihugu, urw’intara hamwe n’urw’amakomine. Harateguwe kandi uburyo bw’ugukora akazi kerekeye gucungera amatora ku rwego rw’igihugu, rw’amaprovinsi hamwe n’urw’akomine birikumwe n’umugwi ujejwe amahoro n’umutekano.

Abashize ahabona uwo mugambi bamenyeshejeko itegurwa ryogucungera amatora ritabura ingorane. Izo nazo zijanye no gucungera umutekano w’amatora ata kanenge ; ukwegeranya uburyo w’ibikoresho n’amafaranga ; uguhanahana amakuru kw’abajejwe ico gikorwa ; ugusonera akarangamutima hamwe n’agateka kazina muntu ; ukwigisha hakiri kare ubuhinga bwogucungera umutekano w’amatora n’ibindi. Naho hari ivyo bibazo, abashikirije uwo mugambi bamenyesheje yukogucungera umutekano w’amatora ari igikorwa gihambaye kuri demokarisi mu Burundi, ari naco gituma abajejwe gucungera uwo mutekano babwirizwa gukunda igihugu bagakora uko bashoboye kwose kugira ayo matora azogenda neza.

Ng’uru urutonde rw’amatora rwashizwe ahabona n’umurwi CENI :

Amatora

Umunsi w’amatora

Ikiringo co kwiyamamaza

Abashingamateka

26 rusama 2015

10-23 rusama 2015

Abahanuzi b’amakomine

26 rusama 2015

10-23 rusama 2015

Umukuruw’igihugu

( igice ca mbere)

26  ruheshi 2015

10-23 ruheshi 2015

Umukuru w’igihugu (igice ca kabiri)

27 mukakaro 2015

13-24 mukakaro 2015

Abakenguzamateka

17 Mukakaro 2015

1 -14 Mukakaro 2015

Abakuru b'imitumba n'amakaritiye 24 Myandagaro 8-21 Myandagaro 2015

 

Maj SINDAYIGAYA, G.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi