Article

Gufasha abatishoboye cabaye umuco w'ikambi ya 21 AMISOM

Amafaranga yababa hafi imiliyoni cumi n’imwe y’amarundi niyo yegeranijwe kandi ashikirizwa n’ikambi ya mirongo ibiri na rimwe ya Amisom kubarwaye baba bapfunzwe kubera kubura amafaranga y’ibitaro.  Ibitaro vyashizwe imbere akaba ari ibitaro vyitiriwe umuganwa Karori, ibitaro vyo kwa Rujanti hamwe n’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge.

Kubwa Majoro Hakizimana Dismas, ari nawe yagiye arongoye iyo kambi mu gihugu ca Somaliya yamenyesheje ko iciyumviro cabaye nk’umugenzo uranga iyo kambi ngo no mukarere bakoreyemwo barafasha abagwaye cane bivuza mu bitaro vy’i Danyle. Avuga ko bari bariuhaye umugambi wo kwisonzesha ku minsi yose yagatanu kugira bafashe abanyagihugu ba Somaliya batishoboye na cane cane abagwaye.

Ico gikorwa kikaba catumye abagwaye bane bari mu bitaro vyitiriwe umuganwa Karori barihigwa amafaranga agera ku miliyoni zibiri n’ibihumbi amajana atatu na mirongo itanu. Abagwaye batatu bakaba baciye baronswa impapuro zibaha uburenganzira bwo gusohoka ibitaro umwe namwe arihigwa ingwati ituma abandanya avugwa neza. Ikindi yamenyesheje n’uko umuntu wese muri abo yaciye aronswa inahuri bafatiye kurugendo afise kugira ashike muhira iwe. Ku bitaro vy’abagwaye mu mutwe benshi bita kwa Rujanti naho hashikirijwe imiriyoni zibiri z’amafaranga y’amarundi nazo nyene zifise intumbero yo kurekuza abagwayi batishoboye kandi babuze amahera bariha ngo batahe. Mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge iyo kambi ya mirongo ibiri na rimwe ikaba yatanze isukari ingana ibiro amajana atatu na mirongo itanu. Iyo mfashanyo y’isukari ikaba yarashimishije umukuru w’ibitaro muganga Mariko Nimburanira. Abandi bafashijwe n’abasirikare b’iyo kambi nyene mugabo kumvo zitabavuyeko batashoboye guheza umwaka muri Somaliya. Babiri muri abo bakaba bararonkejwe umwe umwe umuliyoni n’ibihumbi mirongo itanu, uwundi umuliyoni n’ibihumbi amajana atanu, uwundi yoronse infashanyo n’umufasoni umugabo wiwe yitavye imana ari mugihugu ca Somaliya akaba yoronkejwe ikimazi kingana ibihumbi amajana abiri. Majoro Hakizimana akaba asaba ko abantu bose bafise umutima wo gufasha borabira kuri ako karorero kandi impera nini ikaba iri mwijuru.

Abaronkejwe bose imfashanyo bakaba barashimye cane ico gikemanyi. Bakaba bavuga ko ico gikorwa ciza kizoba ntibagiranwa mubuzima bwabo.

Koroneri Baratuza Gaspard , umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yari yahishikiye amenyesha ko ashima uwo mutima wo gufasha waranze iyo kambi. Kubw’iwe ico gikorwa kirerekana ko hambavu y’ibikorwa vya gisirikare vyo gucungera imbibe no gutabara iyo bikenewe, abasirikare banarangura ibikorwa vyo gufasha abatishoboye. Avuga ko abandi bose bashobora gufasha ko bofatira akarorero kuri iyo kambi kugira babandanye bafata mu mugongo abo bose babikeneye.

Mwomenya ko abenshi mubaronkejwe imfashanyo bari bagize impanuka z’imodoka.

 Capt  Manirakiza,  O.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi