Article

Uburundi bwaritavye amahiganwa ya gisirikare yatunganijwe na y'ishirahamwe rya Afrika y'Ubuseruko (EAC)

Izo nkino zari zatanguye kuva kuwa 18 Myangadaro, zarangiye kuwa 29 ukwo kwezi nyene.Zikaba zari zitabwe n’abasirikare bashika 430.Abarundibazigiyemwo bakaba bashika 90.Zasozerewe n’icegera c’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya.Uburundi bukaba bwatahukanye ibikombe bine.

Mw’ijambo ryiwe, icegera c’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Petero Kayanza Pinda Mizengo, yamenyesheje ko izo nkino zifise intumbero yo gutsimbataza ubucuti hagati y’ibihugu bigize iryo shirahamwe ry’ivyo bihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko. Akaba yarashimiye ibihugu vyarungitse abo basirikare,eka mbere ntiyibagiye no gishimira abasirikare ukuntu bahiganywe badahezanyayo. Ati kanatsinda ntawatsinze, ntawatsinzwe bose baratsinze. N’icivugo c’uyu mwaka kirabimenyesha neza : « Abanyagihugu bafatanye mu nda,basangiye gupfa no gukira ».

Izo nkino zitabwe n’Urwanda, Uburundi, Kenya, Ubuganda, hakaba harategekanijwe inkino zitanu zatowe n’umurwi watowe kugira urabe ibikwiye gukinwa. Umupira w’amaguru rero wakiniwe kubuga citiriwe amahoro aho muri Zanzibar, umupira w’amaboko Basketball, w’abagabo, ukaba wakiniwe ahitwa Gymikhana, nayo uw’amaboko Handball ukaba wakiniwe ahitwa Migombani, nayo uw’amaboko w’abakenyezi : Net ball ukaba wakiniwe uhitwa « JKU ».

Uburundi mu mupira w’amaguru bukaba bwabaye ubwa gatatu, inyuma ya Kenya na Tanzaniya,haca hakurikira Ubuganda n’Urwanda. Muw’amaboko w’abagabo (Basket). Uburundi bwaronse naho nyene  ikibanza ca 3, inyuma y’Ubuganda na Kenya, ikibanza ca 4 catwawe na tanzaniya ubwanyuma haca haza Urwanda. Muw’amaboko w’abakenyezi (Netball)Uburundi bwarose ikibanza ca 5, ica 4 catwe n’Urwanda, ica ga 3 Ubuganda, icaka 2 Kenya nayo Tanzaniya iba ariyo yabaye iya mbere. Muvyerekeye ivyo gusiganwa, kw’abagabo uburundi bwabaye ubwa 3, Tanzaniya ikaba yabaye iya 1, Kenya iyakabiri , Urwanda ruba urwa 4 nayo Ubuganda abanyuma.

Uwagiye arongoye abo basirikare b’Abarundi Koloneri Bizindavyi Aloys, amenyesha ko yanejerejwe n’inyifato yaranze abo yagiye arongoye mugihe batahukanye imidare 4 harimwo uwahawe umurundi yigenjeje neza gusumba abandi.Amenyesha kandi ko izo nkino zifise akamaro ntangere muvyerekeye ivyo kubana nokwubahana bigatuma ibihugu eka mbere n’abakinyi bahungukira cane.Nayo kuvyerekeye ukuba yasubiye kugenwa ngo azorongore abasirikare bazoserukira igihugu  mu buganda mu mwaka uza mu mikino ben’iyo,amanyesha ko ari teka kuri we,kandi aranashimira n’abategetsi ba gisirikare basubiye kumwizera. Akarangiza amenyesha ko ata nkeka ko hazoba akarusho kubera ko ahabaye utunenge bahabonye. Uwari yagiye ari icegera ciwe Majoro Bigirindavyi Petero karavera amenyesha nawe nyene ko abasirikare bashoboye kumenyerana gurtyo naho bazohurira mu gikorwa co kugarukana amahoro bizoheza biborohere nkuko bimaze kwibonekeza muri Somaliya no muri Centrafrique.

Umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto jenerari Majoro prime Niyongabo akaba ari nawe yabakiriye,yarabashimiye ku ntsinzi batahukanye.Ati iyo mutazana ibikombe nkivyo  sinari kuza kubakira, nari gutuma uwundi.Hejuru y’ivyo bikorwa vyo gukina izo nkino,barashoboye kwirabira ubwiza bw’ico guhugu,mu kuja mw’ishamba cimeza ryitwa « Jozani Chwaka bay ».

Mwomenya ko izo nkino zatanguriye mu gihugu c’Ubuganda mu mwaka w’2005. Ubugira kabiri zabereye muri kenya hari mu mwaka w 2006,ubwa 3 zabereye muri Tanzaniya mu mwaka w’2007. Nayo ubugira kane zikaba zasubiye kubera mu buganda hari muri 2008, mu mwaka wakurikiye zabereye mu Rwanda, muri 2009. Uburundi bwatunganije izo nkino ubwa mbere mu mwaka wa 2011. Inkino zasubiye kuba muri 2013, muri Kenya. Izizokurikira mu mwaka uza zizobera mu gihugu Ubuganda.

Capt NITUNGA, G.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi