Article

Ikiraro ca Jalalasqi kiracungerewe neza n’abasirikare bakontenja y’abarundi

Kontenja y’abarundi nk’uko n’ayandi ma kontenja agize inteko za AMISOM ariko arabikora mu burere arimwo afadikanije n’abasirikare ba Somaliya yari imaze imisi  mu  rugamba gwo gutuza imigwi  y’intagondwa z’abashababu mu bisagara bimwe bimwe   mu karere ka gatanu mu ntara yo hagati y’uruzi shabelle.

 Muri ivyo bikorwa, iruhande y’ibisagara bibiri arivyo Fiidow na Jalalaqsi hariho n’ibindi bisagara aha twovuganka Dingalasi, Kiliga china na Harorogowe. Koloneri Ndayambaje Reveriyano yarongoye ivyo bikorwa arashima ishaka ryaranze abasirikare b’abarundi n’ugukorerahamwe na bene wabo b’igihugu ca Somaliya kwabaranze. Koloneri Ndayambaje Reveriyano amenyesha ko ivyo bikorwa babitaziriye « IndianOceanOperation» Ku bw’uwurongoye i Konteja y’indwi, ivyobikorwa vyagenze neza kanatsinda vyarateguwe n’abasirikare barategurwa neza.  Yamenyesheje  ko ivyo bikorwa vyari bisanzwe vyarategekanijwe n’imbere y’uko ikontenja yagatandatu igomborwa. Abasirikare bari muri ivyo bikorwa vyo gutuza umwasi barashimishwa  n’inyifato y’ababarongoye kuko babaye hafi bigatuma bumva ko baremye kurugamba barimwo n’ishaka rikongerekana. Umukuru w’ingabo za Somaliya zikorera  mu karere ka mbere  n’akagatanu yamenyesheje ko gufata igisagara ca Fidow na Jalalaqsi ari intsinzi ku gihugu ca Somaliya no kubanyagihugu barembejwe na kigoyi imyaka  n’myaka. Abo banyagihugu nyene bazoharonkera akarusho kuko imfashanyo y’abagire neza izobashikira atangorane kandi ibarabara rikomeye  riva Mogadishu- Jowhar- Jalalaqsi-Ethiopiya.

Tubamenyeshe ko  hariko harategurwa n’ibindi bikorwa nk’ivyo mu gisagara ca Ragaceel na Cadale mu karere ka V.  Igisagara ca  Jalalaqsi  ni intara umukuru w’igihugu ca Somaliya avukamwo.            

 

Capt NDAYISABA, R.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi