Article

Impene zine nizo abanyagihugu ba somaliya bagabiye abasirikare b'abarundi

Haheze umunsi umwe gusa  abasirikare b'abarundi bafadikanije n'aba somaliya  mu gufata igisagara ca Jalalaqsi  kw'igenekerezo  rya 04 nyakanga uno mwaka, abanyagihugu  bo muri somaliya baba muri ako karere  ntibatevye kugaragaza umunezero  kwifatwa ryico gisagara cari ciziziwe na za ntangondwa  z'abihevyi  al shabaabs. Abategetsi ba somaliya nabone ntibatanzwe  mu guhura n'uburongozi bw'igisirikare c'uburundi aho muri somaliya  mu kubashimira bimwe bivuye ku mutima. Arico gituma  baciwe  bagabira abasirikare b'abarundi impene zine  izindi zine nazo baziha igisirikare ca somaliya. Mwomenya ko abasirikare ba somaliya  hari haheze igihe  kitari gito badahonyoza ikirenge murico gisagara.

Maj CIMANA, C.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi