Article

Ukwigenza neza mu vyerekereye ukubahiriza abo mudasangiye igitsina

Inyigisho zo guhimiriza   abagabo n'abapfasoni mu bikorwa  vyo guharanira amahoro  ziri mu vyankenerwa. Ivyo vyasohotse mu  cegerenyo  cagizwe n"igisata  kiraba ivyo kunganisha  igitsina  mu nyigisho  ico gisata catunganije  ku basirikare  bari mu turere dutandukanye  kugarukana amahoro mu gihugu ca somaliya .

 inyigisho zatanguriye  ku basirikare bakorera  mu karere ka Maslan . Izo nyigisho zari zerekeye  kumenya vy'ibanze  ivyo  gukinga  amabi afatiye ku gitsina . Izo nyigisho rero zaje hageze  kuri abo basirikare kuko bahura n'amageragezwa atari make  mu gikorwa cabo ca misi yose  co guharanira  amahoro . Kugira igikorwa   cajanye abo basirikare kigende neza, izo nyigisho  zizofasha   uburongozi mu gisirikare  mu kugira abasirikare bagendera ubuntu .

 

Maj CIMANA, C.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi