Article

Ibirori vy’ugusezera uwahoze arongoye Umugambi w’uguteza imbere igisata c’umutekano mu Burundi.

Inyuma y’imyaka hafi cumi akorera mu Burundi na cane cane mu Bushikiranganji bwo kwivuna abansi n’ukwitaho abahoze ku rugamba, Alwin van den Boogaard, intwazangabo yakukurutse mu gisirikare c’Ubuholande, atashe iwabo yari arongoye igisata c’uguteza imbere igisata c’umutekano mu Burundi, amabanga yari yakoze kuva mu mu mpera z’umwaka w’i 2012. Asubiriwe na Liyetena Koloneli Rob Gouders nawe nyene ava mu gihugu c’Ubuholande yahoze arangura amabanga y’Umuhanuzi mu vyerekeye imigambi w’ico gihugu mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi n’ukwitaho abahoze ku rugumba kuva mu mwaka w’i 2010 gushika mu 2012.

Mw’ijambo ryiwe, Umushikiranganji w’ukwivuna abansi n’ukwitaho abahoze ku rugamba  Pontien GACIYUBWENGE  yarashimye ibikorwa  bidasanzwe Alwin yakoreye ubushikiranganji , eka mbere akaba ariwe yabaye imboneza ihambaye mw’ishingwa ry’Umugambi w’uguteza imbere igisata c’umutekano  usanzwe ufashwe mu mugongo n’igihugu akomokamwo c’Ubuhorande.  Intango  y’ishigwa mu ngiro ry’uwo mugambi ntiyoroshe nkuko umushikiranganji yavyemeye, kuko  vyasaba kwitonda kugira umuntu  abanze yumvishe abajejwe umutekano ko mu kugira igisata c’umutekano gitere imbere bikenewe ko bo nyene bahindura ingendo. Yarashimiye cane uwari arongoye umugambi wo guteza imbere igisata c’umutekano yari arangije ikiringo ciwe ku bikorwa bihambaye yakoze n’uruhara yagize mu gushinga imigenderanire ikomeye hamwe no  gufashanya bishemeye hagati

 

y’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburundi n’ingoma y’Ubuholande. Ari naco gituma umushikiranganji yamuhaye ikimenyetso c’iteka co kumushimira ku ruhara yagize mu guteza imbere igisirikare  eka n’igihugu c’Uburundi.

Umushikiranganji yarangije ijambo ryiwe yakira uwuje kurongora uwo mugambi liyetana Koloneli Rob Gouders amwifuriza ko yokorana ishaka nka mugenzi we yahahora. Yanamwemereye ko azomushigikira mu kiringo cose azomara mu Burundi.

Twobamenyesha ko umugambi wo guteza imbere igisata c’umutekano wavuye mu masezerano yashinzwe hagati y’igihugu c’Uburundi n’ingoma y’Ubuholande mu kiringo c’imyaka umunani. Uwo mugambi ukaba ufasha mu bisata bitatu: igisata co gufasha ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba, igisata co gufasha ubushikiranganji bw’umutekano hamwe n’igisata c’intwaro y’ibisata vy’umutekano.

 

                                                                                                                       Maj. Kwizera, F.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi