Article

Umwimenyerezo wa CEEAC kugira hapimwe ubukerebutsi

Ingabo z’ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu bigize akarere ka Afrika yo hagati « CEEAC » mu ncamake y’igifaransa zarakoze umwimenyerezo kugira hapimwe ubumenyi n’ubukerebutsi bagezeko mu kwihutira gutabara ahabaye ikibazo c’umutekano  mu karere.


Ishirahamwe ry’ubutunzi ry ‘ibihugu bigize akarere ka Afrika yo hagati ryaratunganije umwimenyerezo witiriwe «  LOANGO 2014 » ku basirikare,abapolisi n’abajandarume hamwe n’abacivile bo muri ivyo bihugu.Uwo mwimenyerezo ukaba wabereye mu gihugu ca Kongo, mu turere twa Kouilou na Niari no mu gisagara ca Pointe Noire.Uwo mwimenyerezo ukaba ukurikiye iyindi yabaye nk ‘uwitwa « Sawa 2006  » muri Kamerune, uwitwa Bar-El Gazel 2007 wabereye mu gihugu ca Tchad hamwe n’uwitwa « Kwanza 2010 » mu gihugu ca Angola. Muri uyu wa Loango 2014 naho,Uburundi bukaba bwaserukiwe n’umurwi w’abasirikare barenga ijana barwanira hasi hamwe n’intwazangabo zari mu bisata binyuranye vyo mu biro bikuru vy ‘izo ngabo za CEEAC.Iruhande yabo hakaba harimwo n’abapolisi n’abacivile b’abarundi kuko iyo hateye ikiza abo bose bafise uruhara rwabo.

Abitavye uwo mwimenyerezo bose bakaba bashika ibihumbi bitatu harimwo abashika amajana atanu b’igihugu ca Kongo bari bagize inteko z’integabizoza.Intumbero y’uwo mwimenyerezo wa Loango 2014 kukaba kwari ugupima urugero rugezweko ku bijanye no gutunganya mu buryo bunyaruka irungikwa ry’inteko za CEEAC ahabaye ingorane nk’uko biri mu gitabu c’inzira ca gatatu cerekeye ingabo z’ishirahamwe ry ‘Ubumwe bwa Afrika zirindiriye gushirwa mu ngiro. Intumbero igira kabiri kukaba kwari ukwerekana uburyo bwokoreshwa mu kurwaniriza umwansi hamwe.Intumbero ya nyuma kukaba kwari ugukomeza ubucuti n’imigenderanire myiza hagati y’ibihugu bigize iryo shirahamwe.Ivyo navyo akaba ari Uburundi,Angola,Kamerune, Kongo,Gabon,Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo,Tchad,Guinee
Equatoriale, Sao Tome et principe hamwe na Repubulika ya Centrafrika.

 

Uwo mwimenyerezo ukaba wari ugabuye mu bice bibiri :Igice ca mbere kikaba cari ico kuraba ingene intwazangabo zishobora gutegura mu buryo bunyaruka, irungikwa ry’inteko z’ishirahamwe gutabara ahabaye ikibazo c’umutekano.Igice ca kabiri kikaba cari ico kurungika izo ngabo ahantu kanaka bafashe nk’uko hariko haba ingorane.Izo ngabo zigaheza zigakora nk’uko kwoba ari ukuri hama umwe wese agaheza akerekana igikorwa yokora muri ico gihe.Abasirikare b’abarundi bakaba bakoranye na bagenzi babo b’igihugu ca Angola hamwe n’abo mu gihugu ca Tchad .

 

Inteko zirwanira hasi zikaba zatwarwa n’intwazangabo y’umurundi Liyetena Koloneli Barandereka Telesifore.Uwari arongoye uwo mwimenyerezo wa Loango 2014 akaba ari umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto z’igihugu ca Kongo ,Jenerali Guy Blanchard Okoi  akaba yafashanya na bagenzi biwe bo mu bihugu vyavuyemwo izo nteko.Kuva ubu izo ngabo z ‘ishirahamwe  CEEAC zikaba zirongowe na Jenerali Didimo Joao CAPINGANA wo muri Angola.Akaba asubiriye Jenerali Zacharia NGOBONGWE wo mu gihugu ca Tchad yagenywe kuva ku mwimenyerezo wa « Kwanza 2010 » wabereye muri Angola.Ibirori vyo gutanguza uwo mwimenyerezo bikaba vyari vyatewe iteka n’umushikiranganji wo kwivuna abansi w’igihugu ca Tchad Benaido TATOLA akaba yari yaserukiye umukuru w’igihugu  ca Tchad asanzwe ari nawe arongoye inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe CEEAC muri kino gihe.Uwo mutegetsi akaba yari kumwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya CEEAC ,ambasaderi AHMAD ALLAM-MI. Mu majambo yabo bompi bakaba bagarutse ku mwitwarariko udasanzwe wo kwigisha inteko z’iryo shirahamwe.


                                                         Capt Nininahazwe, JMV.
 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi