Article

Ubufaransa burabandanya gushigikira igisirikare c’Uburundi

Ibirori vyo gusozera inyigisho z’abasirikare bagize ikambi ya 31 Amisom,vyasozerewe n’ugutanga impapuro z’umutsindo kubazikwirikiranye bose ivyo vyigwa bikaba vyamaze amayimga 6.Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba,niwe  yari yateye iteka ivyo birori.

Umukuru w’ibiro bikuru vy’abasirikare barwanira hasi, Jenerari  Yozefu Ndayishimiye,akaba ari nawe yaserukiye umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto,yatanguye guha ikaze abanyecubahiro bose bari ngaho,hama aca yifuriza abasirikare bari barangije izo nyigisho kuroranirwa mu gikorwa kitoroshe bagiyemwo muri Somaliya co kugarukana amahoro.
Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba,Jenerari Manweli Miburo mw’ijambo ryiwe yatanguye gushimira abagize ico bakora bose kugira ivyo vyirwa birangire.Yarashimiye bimwe bivuye ku mutima igihugu c’Ubufaransa kibicishije mu buserukizi bwaco ,mukwama gifata mu mugongo igisirikare c’Uburundi na cane cane mu bijanye n’inyigisho zo kuja kugarukana amahoro aho bikenewe.
Ntiyibagiye kandi gushimira abasirikare b’abafaransa basanzwe bakorera muri Gabon ukuntu bitanze ijoro n’umurango kugira izo nyigisho zitangwe kuri abo basirikare.Yarashimiye kandi abasirikare bari barongoye abandi b’abarundi nabo nyene bitanze kugira ico gikorwa kigende neza.Yaciye kandi agenda yemeye ko ubushiranganji bwo kwivuna abansi buzofata mu mugongo abo bose bafise umugambi wo gufasha igisirikare c’Uburundi.Yarangije asaba abasirikare bahejeje kuronka izo nyigisho ko bogendera ibanga,bagaserukira igihugu neza mu makungu.Yaranibukije ko iterabwoba kugira rituzwe ari ugusenyera ku mugozi umwe narirya atawe ico kibazo kitaraba.


Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba yaramenyesheje abaraho ko amahoro atagira ikiguzi.Yaciye yibutsa abaraho bose ko isi yose yugarijwe n’iterabwoba rigirwa n’imirwi y’intagondwa nka Al-Qaida n’iyindi mirwi bikorana nka Al-Shebab muri Somaliya, Bokou–Haram muri Nijeriya no mu bihugu bihana imbibe , bikongera bigakorana n’iyindi mirwi ikwiragiye kwisi ifise be niyo migambi igayitse  yo gutera ubwoba.
Yarongeye aramenyesha ko kw’izina ry’ubushikiranganji yaje aserukira,bakenguruka kandi banakeje igihugu c’ubufaransa coco kiriko gitanga akarorero keza mu kuja imbere muvyo kurwanya ben’iyo mirwi y’iterabwoba.
Uwuserukira ubufaransa mu Burundi nawe yaramenyesheje ko kuba abasirikare b’abafaransa bariko barigisha abasirikare b’abarundi mu kuja kugarukana amahoro,n’ikimenyetso ko Ubufaransa bushigikiye igikorwa ciza abasirikare b’abarundi bariko barakorera mu makungu co kurwanya iterabwoba.
Uwurongoye abasirikare b’abafaransa bakorera muri Gabon Jenerali SORIANO yaribukije ko abarundi bageze ku ntambwe nziza mu kugarukana amahoro n’umutekano aho bikenewe.Avuga ko yavyiboneye kurubuga rw’intambara mu gihugu ca Centrafrique.Avuga ati naragize amahirwe yo gukorana n’abasirikare b’abarundi bariko bagarukana amahoro muri ico gihugu.Amenyesha ko yakengurutse cane ukuntu abasirikare b’abarundi bakorana ubutwari,ubwitonzi eka hatibagiwe ubutore.Asaba abasirikare b’abarundi kubandanya berekana uwo mutima runtu wo gufasha abari mu ngorane bose cane cane abugarijwe n’iyo mirwi y’iterabwoba aho ahariho hose.
Uwurongoye abatanze ivyo vyirwa Rousselle,yamenyesheje ko abasirikare baheje izo nyigisho borema,kuko babatoreye abanonosoye ubuhinga bwo kwigisha gusumba abandi bose, .akanizera ko intererano yabo izogira ikintu ifashije mukugarukana amahoro n’umutekano aho bizoba bikenewe hose. Abifuriza rero ko bogira akazi keza iyo bagiye kugarukana amahoro.

                                                                                                                                                                                                             Capt Nitunga, G.

 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi