Article

Itangwa ry’impapuro zemeza ko barangije neza inyigisho ku basirikare b’ikambi ya 30 AMISOM

Kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 10 Gitugutu 2014 harasozerewe  inyigisho  hongera  haratangwa     n’impapuro ku  basirikare  baserukiye abandi bagize ikambi ya 30 AMISOM hamwe no kubafashije  mu gusobanura indimi.


Umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba,Generali Majoro Prime Niyongabo yari yateye iteka ivyo birori yabanje kwipfuriza ikaze abashitsi b’iteka bari aho uhereye  kuri coloneli Richard arongoye umugwi w’abongereza baje gutanga inyigisho hamwe rero n’abagize uwo mugwi.


Kw’izina ry’intwaramiheto mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi,Generali Majoro Prime Niyongabo yarashimiye bimwe bivuye ku mutima uburongozi bw’igihugu c’ubwongereza ukuntu bufasha uburundi muri vyinshi buciye ku wuserukira ico gihugu hano mu Burundi mu bikorwa vyo gushigikira amahoro.


Yaboneyeho akaryo ko gushimira umugwi w’abasirikare b’abongereza batanze inyigisho yongera arakeza n’umugwi w’abafashije  gusobanura indimi muri ico gihe c’inyigisho,akaba yabasavye ko  boba akarorero ndetse ko botera baja imbere.


Ku bagize umugwi w’ikambi ya 30 AMISOM bahejeje izo nyigisho, yarabashimiye ku bukerebutsi n’ishaka berekanye mu gihe c’inyigisho. Yabasavye kurushiriza kwitanga kugira baze baje hejuru y’umwansi na cane cane mu gutuza  ibikorwa vy’iterabwoba aho bizoba hose.


Kabaye akaryo keza kandi ko gushimira ibihugu vya Buraya vyitanga mu kugwanya iterabwoba na cane cane Ubwongereza  ku mfashanyo zigizwe n’ ibikoresho, abantu n’uburyo bukoreshwa mu bikorwa bintandukanye vyama vyatanzwe. Yasozereye ahana utuganuke n’uwurongoye Ingabo z’abongereza, Coloneli Richard ku gikorwa kitazokwibagirwa baranguye mu gisirikare c’uburundi.


Coloneli Richard, arongoye izo ngabo ngo arashimishwa n’ukuntu ingabo ziwe zakoranye neza n’abaronse inyigisho bari mw’ikambi ya 30 AMISOM. Ku bwiwe, ubwongereza bwamye bufata mu mugongo igihugu c‘Uburundi kandi buzobandanya bukomeza kubushigikira.


Ivyo birori vyaranzwe kandi no gutanga impapuro zemeza ko banonosoye izo nyigisho zaronkejwe abagize ikambi ya 30 AMISOM ku baserukiye abandi hamwe no ku mugwi w’abasobanuye indimi muri izo nyigisho.Bano bakaba baciye baronswa n’igitabu kazinduzi y’icongereza kigizwe n’amajambo y’igisirikare kizobafasha  muri ico gikorwa.


Ku bw’uwurongoye ikambi ya 30 AMISOM, ngo umwimbu wavuye murizo nyigisho urashimishije.Mw’ijambo ryiwe,yarashimiye umugwi w’abongereza batanze izo nyigisho, ukuntu bitanze batiziganya ijoro n’umurango kugira ngo bashike k’uwo mwimbu.Yarongeye arashikiriza impanuro abasirikare bakurikiranye izo nyigisho yongera abasaba  kuguma barangwa n’ubukerebutsi bwabaranze  mu gihe c’inyigisho,mu kwifashisha ubumenyi baronse.ivvyo bikazotuma barangura neza ubutumwa bashinzwe.
Uyo munsi wasozerewe n’agatutu ku bari aho karanzwe n’ibiyago binyuranye hamwe n’ukwifotozanya mu migwi kuri bamwe n’abandi.
                                                                                                        

S/Lt. Habogorimana, JB.
 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi