Article

Umuntu umwe yarahasize ubuzima mubaturumbukiye ku kirindiro c’abasirikare

Ngo hari hagati y’igihe c’isaha cumi n’imwe na cumi na zibiri  zo ku mugoroba wo ku munsi w’Imana  igenekerezo rya 05 gitugutu 2014  muri komine Gihanga intara ya Bubanza  hagati y’ibarabara rya 3 n’irya 4.


Ngo abantu bashobora kuba bari bazimiye baturumbutse  ku kirindiro c’abasirikare  kiri hafi y’umurima w’ibikaju vy’uwitwa  Nahum.Abo bantu batangura kurasa hanyuma abasirikare nabo bama barikanuye ngo baba bababonye kera  ngo niho bagerageza kubasubiza. Abasirikare bari kurico kirindiro barashoboye kwicamwo umwe muri abo,  abandi nabo  ngo baca batungwa n’ayo bameze bahungira mw’ishamba rya Rukoko  nkuko vyashikirijwe  n’umuvugizi w’igisirikare  
Koloneli Gaspard  Baratuza.

Amenyesha kandi ko atari igitero, ngw’ariko ari abantu basa nuko bari bazimiye hanyuma baturumbuka ku kirindiro kiri aho  i Gihanga.Umuvugizi w’igisirikare Koloneli Gaspard Baratuza arahumuriza kandi  abanyagihugu  b’aho i Gihanga ko botekana  bakabandanya bakorana neza mu nyabune. Ngo nayo abo  banyikanye mw’ishamba rya Rukoko, ngo abasirikare  bariko barakizura  murivyo bice  bimwe bita patrouille  mu rurimi rw’igifaransa kugira  barabe ko  bobafata.


                                                                                                                             Capt. Ngezahayo, S.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi