Article

Indwara y’igisukari, indwara y’ikinjana yica mu gahwekere

Kuva kuwa kane igenekerezo rya 26 nyakanga 2014, abari mu gisata kijejwe amagara y’abantu mungabo z’Uburundi ziri muri Somaliya, baratunganije ihimiriza ryo kwigisha icarico indwara y’igisukari, ingene umuntu yoyikingira n’inyifato ibereye kuwamaze kwandura.


Muri ico kiganiro, abatanze inyigisho bashimikiye ahanini k’ubwoko bw’iyo ndwara, ibimenyetso, ingene wokwikingira bongeye baboneraho n’akanya ko gusigura ingene umuntu yokwifata amaze kumenyako agwaye.
Iyo ndwara imenyekana umuntu yipimishije akabona aho urugero rw’isukari rugera mumubiri. Abajejwe gupima barabira mumaraso y’uwipimishije hanyuma ibipimo bikiyerekana.


Si indwara nk’izindi kuko ni rwica ruhoze. Abagwayi batari bake, bibuka kwipimisha akaba karabaye batigeze babimenya hakiri kare. Abatari bake bakunze kuvuga ko ari indwara y’abasaza. Nkuko bikunze kuvugwa, abatanze ibiganiro barerekanye ko kubice 90 bishira 95 kw’ijana vy’abagwaye ari abageze muza bukuru kandi ugasanga banduye bakuze. Iyo rero niyo bita igisukari co mumurwi wa kabiri (Diabète de type II). Ibice navyo biva kuri 5 bishira 10 kw’ijana bisigaye n’abana n’imiyabaga bayivukanye kubera abavyeyi babo. Iyo rero niyo bashira mumurwi wa mbere (Diabète de type I). Bisigurako iyo ndwara itari iy’abageze muzabukuru gusa. Haratanzwe impanuro zitarinke zotuma umuntu yikingira ico kiza.


Aha bavuga nko gufata ifungurwa zibereye, kugira imyimenyerezo igereranye kandi buri igihe. Kubamaze kwandura nabo, ntibaca bacika ibitabwa. Basabwa gukurikiza impanuro za muganga abavura no gupimisha igisukari buri igihe.


Muganga arongoye ico gisata muri segiteri ya gatanu, kapitene Niyomwungere Luwi ari nawe yatunganije iryo sekeza, avugako ico gikorwa kije hageze. Akabivuga ashimikiyeko ibiharuro vyerekana nezako abasirikare b’abarundi baja kwipimisha abatari bake baza baranduye ico kiza. Iyo ndwara rero ikaba iza ubugira gatatu mu ndwara zisanzwe zakirwa cane inyuma ya malariya n’amenyo. Ni akaryo rero ntangere ko gukingira abatarandura no kwitwararika abamaze kwandura.


                                                                                                       Maj. Cimana, C.
 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi