Article

Gusenyera ku mugozi umwe bituma umugambi uranguka neza


Ikambi ya mirongo ibiri na kabiri ya AMISOM yarashikirije imfashanyo igera ku miliyoni mirongo ine na zitanu z’amafaranga y’amarundi  umwibutsa mana mukuru  mu bushikiranganji bwo kwivuga abansi no kwitaho abahoze ku rugamba. Iyo ntererano ikaba ifise intumbero yo gufasha kubandanya inyubakwa z’amasengero mu ntara za gisirikare.

Major Ndacayisaba Réné,umukuru w’ikambi ya mirongo ibiri na kabiri ya AMISOM amenyesha ko kwegeranya iyo ntererano cabaye igikorwa ca buri wese hatarabwe amadini. Akaba ashimira ingabo yari arongoye ko zitavye akamo zatewe n’abibutsa mana mu gisirikare. Avuga ko abasirikare basavye ko imiliyoni mirongo ibiri na zine zihabwa isengero y’intara ya mbere ya gisirikare, imiliyoni cumi na zine zikaronswa iya kabiri nayo imiliyoni indwui zisigaye zikaronswa intara ya gatanu.


 Umukuru w’ikambi ya mirongo ibiri na kabiri yaboneyeho akaryo ko kuvuga ko kugira ngo imigambi yose iranguke bisaba  ko abarongozi begera cane abasirikare bagasenyera ku mugozi umwe  kandi akemeza ko ari co caranze ikambi yari arongoye. Avuga ko iyo ntumbero yabafashije kuburyo no kugwanya abihevyi al-shabaab vyaciye biborohera eka mbere ngo nogushira mu ngiro imigambi y’ikambi vyaca vyoroha.
Umwibutsa mana mukuru Padiri Gacukuzi Adélin arashima ingene kwitanga no kwigora bisa n’ivyabaye umuco ku basirikare bariko bararondera amahoro muri Somaliya ngo n’ ikambi ya mirongo ibiri ya AMISOM yatahukanye intererano yo kwubaka isengero y’intara ya mbere ya gisirikare  irenga imiliyoni mirongo itandatu z’amarundi. Akaba yarashimiye abasirikare kubera batanguriye ku nkuka y’imisa yo gushima ko imana yabanye nabo bari mu mahanga. Yamenyesheje ko kera abarongoye abandi batabishiramwo umwete mugabo ubu akaba akenguruka ko habaye impinduka nziza. Akaba asaba abasirikare ko boguma bafatanye mu nda, basenyera ku mugozi umwe, bakora bumvikana kandi babandanye berekana umutima w’urukundo nk’uko babigize batibagiye kwifadikiza imana rugira vyose.


Jenerali de Brigade Audace Nduwumunsi, icegera c’uwurongoye abasirikare bagwanira hasi akaba ari nawe yaje aserukira  igisirikare muri ico gikorwa yarakeje abasirikare b’iyo kambi ku kugene bitanze batiziganya kugira haboneke iyo mfashanyo ishimishije. Avuga ko vyerekana ko bafise umutima w’urukundo kandi ko vyerekana ko abarongoye ikambi bakoranye neza n’abo bari barongoye. Yongerako ibikorwa vy’abibutsa mana
birimwo impanuro nyinshi zifasha abasirikare kubana neza no gutunga neza imiryango yabo. Akaba yasavye abasirikare kubandanya ivyo bikorwa vyiza kandi bakubaha bakongera  bakizigira ababarongoye.  


Mwomenya ko ikambi ya mirongo ibiri na kabiri ya AMISOM yari yagiye kurondera  amahoro igihugu ca Somaliya igenekerezo rya 25 ruheshi 2013 igomborwa igenekerezo rya 13 Nyandagaro 2014.

                                                                                                                                                                                                     Capt. Manirakiza, O.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi