Article

Kuva ubu ikivuko ca Kadale kiri mu minwe ya kontenja y’abarundi ya AMISOM

Kw’igenekerezo rya 30 nyakanga uwurongoye kontenja y’indwi ari kumwe  na bamwe mu bagize ibiro bikuru  muri kontenja baruguruye ibikorwa vya gisirikare vy’itiriwe « Indian Ocean » igice kigira kabiri mu karere ka shabelle yo hagati bikaba vyari bigamije kubohoza ibisagara bimwe bimwe nka : Raga-ceel,  Xaji–cali na  Kadale. Ivyo bikorwa vyari vyateguwe bafadikanije n’abarongoye igisirikare ca Somaliya.


Biteguye  neza guhangana n’umwansi, abasirikare bo muri kontenja y’Uburundi  ibatayo ya 26 baritavye ibikorwa vya gisirikare vyitiriwe «Indian Ocean»  uko vyari bitegekanijwe igice kigira kabiri.  Ivyo bikorwa vyatanguye neza na neza mu gatondo ka kare.  Ku bw’uwurongoye kontenja y’indwi koloneri Ndayambaje Reveriyano,  intumbero nyamukuru y’ivyo bikorwa n’ukubohoza abanyagihugu ba somaliya kugira bave mu minwe y’intagondwa z’abashababu. Kugurura amabarabara makuru makuru kugira imfashanyo zishikire abazikeneye aho tukavuga ibarabara riva Mogadisho-Mashal-Halman-Quorilow- Raga-ceel-Xaji-cali  hamwe no gushika ku kivuko ca Kadale. Ibisagara vyose vyari bitegekanijwe kurutonde vyarafashwe neza cane atamaraso asesetse. Arashimira yivuye inyuma ingabo z’Uburundi hamwe n’izigihugu  ca Somaliya ku kuntu bitanze muri ivyo bikorwa vya gisirikare. Kubona ivyo bisagara vyarashoboye kwigarurirwa n’ingabo za AMISOM zifadikanije n’iza Somaliya n’intambwe ikomeye kuri leta ya Somaliya no ku banyagihugu bari bamaze imyaka  irenga 20 bari mu minwe yintagondwa z’abashababu. Wari umunezero n’umunsi mukuru kubanyagihugu bamwe bamwe ba Somaliya  basanze ngaho kubatashoboye kwihangana barakoroye amosozi kubera umunezero.


Mwomenya  ko kontenja   y’ Uburundi   irangije  ibikorwa  vyo kugaruza    ibisagara   no kubicungera vyari vyarategekanijwe mu bikorwa vya gisirikare vyari bimaze imisi biriko biraba.  Ndetse ivyo biherutse gufatwa, haheruka gufatwa ibisagara vya  Kiligashina,  Dingalas, Fidow et Jalalaqsi ku muce wa mbere mu kwezi kwa nyakanga.


                                                                                                            Capt. Ndayisaba, R.   
 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi