Article

Iyugururwa ry’imiryango mu bugenduzi bukuru

Ubugenduzi bukuru mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi n’ukwitaho abahoze ku rugamba, igisata c’abarongoye abandi mu gisirikare mu vyogukorera ahabona  bwaratunganije umunsi witiriwe kwugurura imiryango.


Intumbero y’uwomunsi kwari ukumenyesha abakorera mu bindi bisata vya gisirikare ibikorwa bikorerwa muri ico gisata kugira bahanahane ivyiyumviro kubibazo vya bamwe n’abandi.Abaringaho barashoboye kubona ivyaranguwe n’ubwo bugenduzi hamwe n’intambamyi zibonekeje. Inyuma yaho,harasabwe ibitari bike hamwe n’ivyipfuzo vyashikirijwe mu ntumbero yoguhinyanyura n’ukongereza umwimbu muri ubwo bugenduzi bukuru.Mwomenya ko ico gikorwa catunganijwe mu ntumbero yogushira mu ngiro ibikorwa vyategekanijwe kurangugwa mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi n’ukwitaho abahoze ku rugamba kukirangaminsi cabwo c’uyu mwaka w ‘i 2014, bukaba bwiyemeje gushira imbere ingendo y’ugukorera ahabona mw’itunganywa ry’ibikorwa vy’igihugu n’ukubimenyesha abanyagihugu na cane cane biciye mu kubugururira imiryango.
Ubudasa bw’uwo munsi n’iyindi minsi canke izindi ndwi zimaze gutunganywa, ni uko abatumire bari intwazangabo zonyene zikorera mu bindi bisata vyagisirikare.


                                                                                                                                   Maj. Kwizera, F.    
 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi