Article

Ingene umutekano wifashe muri uno mwaka w’ 2014

Muri uyu  mwaka w’2014, umutekano wifashe neza muri rusangi haba hagati mu gihugu ndetse no ku mbibe Uburundi busangiye n’ibihugu bibanyi.

Koroneri Baratuza Gaspard, umuvugizi w'igisirikare c'Uburundi

Abantu bose baremeza     ko umutekano wifashe     neza mu gihugu cacu. Haraheze igihe abarundi baruhutse amategeko yo kudatembera bugorovye , n’imigozi izibira amabarabara igihe c’isaha 12 z’umugoroba. Abantu baratembera  ataco binona haba mw’ijoro canke no ku murango, bava muri karitiye baja mu yindi, baja mu ntara baja mu yindi. Ni umwimbu wavuye ku nguvu z’abarundi mu kugerageza gufashanya neza n’inzego z’umutekano tutibagiye ubutegetsi bufise uruhara nta ngere mu vyo rukora.


Ariko vyose ntivyera  de, muri uyu mwaka w’2014 harabaye igihe umutekano watosekaye ariko bakaba baciye basubiza ibintu mu buryo ata vyononekaye. Ivyibonekeje kenshi ni ubusuma bwo mu mazu bugizwe n’abitwaje ibigwanisho cane cane mw’ijoro, amatati afatiye ku matongo ndetse yavamwo n’ubwicanyi, uburozi bukurikirwa n’ingeso yo kwihanira vyagiye biribonekeza, imitego yo ku mabarabara yategwa abadandaza cane cane mu turere twa mbere n’utwa kabiri twa gisirikare.
Haribonekeje utugwi tw’abagizi ba nabi bagerageza kurondera gusahura baturutse mu gihugu  ca Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo baciye  mw’ishamba cimeza rya Rukoko. Utwo tugwi twari  dufise umugambi wo gusahura abanyagihugu b’igihanga bubanje kurasa

hirya no hino kugira busamaze abasirikare bari ku birindiro mw’ishamba cimeza rya Rukoko. Kugira binyegeze, abo bagizi ba nabi bihindura abungere kugira ngo bagendereze ahari ibirindiro vy’abasirikare mu ntumbero yuko batozimira  ngo bagwe mu minwe ya bano bariko barakora ako kabi kabishe. Umwumvikano wavuye mu ma nama n’ibiganiro bitari bike vyahuje uwurongoye  akarere ka mbere ka gisirikare n’uwurongoye akarere ka gisirikare k’ubuseruko bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya kongo,utwo tugwi twaciye dusa n’uduhagaze kudurumbanya. Ubworozi bwabera mur’iryo shamba cimeza rya Rukoko bwarahagaritswe kugira iryo shamba cimeza rishobore gucungerwa neza.


Mu buseruko bw’igihugu c’Uburundi, haribonekeje ibiziga mu kiyaga ca Rweru vyaje bizananye mu ruzi Akagera. Ku matohoza yakozwe ku mpande zose z’Uburundi n’Urwanda kugira hamenyekane iyo ivyo biziga vyaje biva ntaco yashoboye gushikako. Kugira bakingire amagara y’abanyagihugu bo mur’ako karere, abategetsi b’Uburundi bafashe ingingo yogufoba ibiziga bine vyakuwe mu kiyaga ca Rweru mu kwezi kw’umunani 2014. Ubumwe bwa Afrika bukaba bwaramaze kwemera gufasha kugira amatohoza kugira hamenyekane iyo ivyo biziga vyaje biva.
Mu kiyaga ca Tanganyika noho nyene umutekano wariyongereye bihagije. Hari ugufashanya gushimishije hagati y’amashirahamwe y’abarovyi n’abasirikare bahacungereye bakorera mu mazi, hakaba kandi n’urunani rw’abasirikare ba Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo n’abasirikare b’abarundi basanzwe bakorera mu mazi. Ivyo vyatumye ubusuma bw’abitwaje ibigwanisho bwabera kiyaga ca Tanganyika bugabanuka cane. Aha mukamenya ko igisirikare c’Uburundi gikorera mu mazi caronkejwe imfashanyo y’abanyamerika y’imoteri 21 zituma izo ngabo zihuta gutabara aho bikenewe kandi zigafasha no gukizura kenshi aho bikenewe.


Nta wovuga umutekano ngo yibagire ubwoba bwadutse mu gihugu aho hakwiragijwe ibihuha bitera ubwoba mu ma komine amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura nko muri komine Kinindo, Ngagara, Musaga na Kanyosha, hamwe no mu ntara za Mwaro na Bujumbura nka komine Rusaka, Gisozi, Mugongo Manga na Mukike. Havugwa abantu bitwaje imipanga bambaye ibikoti vyirabura  barondera kwiba ivyo mu mazu hamwe n’ibitungwa. Abajejwe intwaro bafatanije n’abajejwe umutekano ku rwego rwa mbere barishikiye mu banyagihugu barahumuriza, habona kugaruka ituze. Ubu abantu bakaba  bashize umutima cane ku matora y’2015.


Mu gikorwa co kugarukana amahoro n’umutekano muri Somaliya, Uburundi bufise yo ama batayo atandatu, bukaba ari ubwa kabiri mu bihugu bifiseyo ingabo. Izo ngabo z’Uburundi zikaba ziheruka gufata no gukingira akarere ka gatanu harimwo ikivuko gikomeye citwa Cadale, hamwe n’akarere ka Jalalaxi  Mu gihugu ca Republika ya Afrika yo hagati naho, ingabo z’Uburundi zigera ku 850 zarashimwe n’amakungu aho zose zizewe zikava mu ngabo zijejwe kugarukana umutekano ku rwego rw’ubumwe bwa Afrika zigashirwa ku rwego rw’ingabo mpuzamakungu ku rwego rwa ONU zijejwe kugarukana amahoro n’umutekano mur’ico gihugu.

Col BARATUZA, G.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi