Article

Ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge birashimishwa n’ivyaranguwe uno mwaka w’ 2014

Ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge mur’uno mwaka w’ 2014 vyararanguye ibitari bike. Inyubakwa yo kwipimirishirizamwo  yaraguwe kugira  bashobore kwakira abagwayi beshi kandi neza hamwe n’ubuhinga   bwanone biri mu bintu bikuru bikuru vyaranguwe n’ivyo bitaro. Ariko naho biruko, ingorane zijanye n’ibirarane ivyo bitaro bifitiwe na     Leta vyaratumye hataranguka  ivyari mu migambi biyemeje.


Umuyobozi mukuru w'ibitaro vy'abasirikare mu Kamenge



Ku bw’umuyobozi mukuru w’ivyo bitaro, Liyetena koloneli Marc Nimburanira,ukwagura inyubakwa abagwayi bipimirishirizamwo hamwe n’ugusubiramwo inyubakwa bakiriramwo indembe vyaragize akamaro kuko muri kino gihe bashobora kwakira abarwayi batari bake kandi neza. Ikindi gikorwa ciza cakozwe n’ubuhinga bugezweho butuma batunganya neza ivyerekeye imiti.
Ku vyerekeye ivyo kuvura naho igisata kijejwe kwegeranya ibitigiri baratubwiye ibisata bimwe bimwe ingene vyakoze. Abana bari munsi y’imyaka 5 bashoboye kwivuza aho kurivyo bitaro bangana n’ibihumbi 17000. Abagwaye bakaja mu bitaro  bangana n’ibihumbi 8000. Ku bakenyezi bibarukiye kurivyo bitaro barenga ibihumbi 3000, abarenga igihumbi n’amajana abiri 1200 bibarutse babanje gukorwa. Ku bantu bose baje kwivuza ngaho kuri ivyo bitaro barenga ibihumbi 77.000, abarenga  ibihumbi 12000 nibo bavuwe n’abaganga b’abahinga bitwa « les spécialistes ». Ikindi gisata twobamenyesha n’abipimishije mw’iradiyo barenga ibihumbi 11.000 hamwe n’abaje kwipimisha ku bushake bwabo umugera wa Sida barenga ibihumbi 3050.
Ariko rero naho biruko , nkuko vyashirijwe na Marc Nimburanira, umuyobozi w’ivyo bitaro, ngo ingorane zijanye nuko bafitiwe amadeni  bituma rimwe na rimwe babura imiti mbere ntibarangure nivyari mu migambi yabo. Ku kibazo c’abakozi ba mitiweri bakira nabi abaje kwivuza. Umuyobozi mukuru w’ivyo bitaro avuga ko ico kibazo akizi kandi ko yamaze kugitura ubuyobozi bukuru bwa mutuweri. Akizera ko abo bakozi bazokwikubita agashi bagahindura  iyo nyifato  ituma icafuza isanamu yivyo bitaro.


Ku migambi ya kazoza nayo ivyo bitaro ifise, umuyobozi mukuru w’ibitaro vy’abasirikare, yamenyesheje ko bategekanya mu mwaka uza kwubaka inyubakwa  igerekeranye ikazoba igizwe naho bakirira abavyeyi baje kwibaruka, inyubakwa izogwariramwo abana. Ivyirwa bijanye n’iyo nyubakwa biza biriko birarangira. Ivyo bitaro kandi bagiye gusubiramwo inyubakwa yakira abagwayi baje baremvye, bazokwagura uburuhukiro bw’abitavye Imana, barategekanya nukugura ibikoresho vyo kuvura mbere no kwubaka uruzitiro ruherereye mu bururaruko bw’ivyo bitaro rwabomotse. Marc Nimburanira arongoye ibitaro amenyesha ko intumbero nyamukuru bafise aruko ivyo bitaro vyoja ku rugera rugira 4. Ivyo ariko bizotangura kwemezwa n’abahinga mpuzamakungu mu bijanye n’amagara y’abantu. Ivyo bitaro bigeze kuri urwo rugero bizoba bifise ubushobozi bwo kwakira abasirikare bakomerekeye mu gikorwa co kugarukana amahoro n’umutekano mu makungu bahora bajanwa mu gihugu ca Kenya.


 Ivyaranguwe n’ibiro DSS


Tubandanije n’ivyaranguwe mu gisata c’amagara y’abantu mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi n’ukwitaho abahoze ku rugamba, ibiro bijejwe ubuvuzi vyo mu biro bikuru vy’intwaramiheto birongowe na muganga majoro Pie Nibirantije, ngo vyarakoze ibitari bike mw’ihangiro bari bihaye.
Ngo ku bice 95 kw’ijana y’ivyo bategerezwa gukora ngo vyararanguwe. Abasavye imiti bose barayironkejwe  atangorane bivanye niyarihari. Abafasha abaganga bashika 20  bararonse inyigisho.  Abasirikare bagera 91 bafasha ibikorwa bibayabaye abasirikare baba bakomeretse bararonkejwe inyisho zizobafasha kurangura umwuga wabo neza. Aha twobamenyesha ishure ry’abafasha kuvura ryavutse ubu rikaba rikora ukuri kwamye rifise abanyeshure 40 rikaba riri muri birigade ijejwe ibikoresho vy’igisirikare « BLFDN ».


Ivyaranguwe n’  ikigo Akabanga

Ico kigo kijejwe kupima abaje kwipimisha umugera wa Sida ku bushake bwabo hamwe no guhimiriza  abasirikare ngo bagire inyifato nziza na cone cararanguye ibitari bike nkuko twabishikirijwe na kapitene Eric Kabayabaya, ariwe ajejwe kuraba ibirangurirwa murico kigo. Yaratumenyesheje ko abasirikare bagera 9500 bipimishije  hamwe n’abandi bagera 3650 bipimishije kuri ico kigo. Yaratumenyesheje kandi ko abagendana umugera wa Sida bagera 208 barakurikiranywe igihe cose. Abafasha abaganga bagera 60 hamwe n’abaraba ivya kamere k’abantu bagera kuri 6 bararonkejwe inyigisho. Yaratubwiye kandi ko kw’i batayo ya 19 na 20 zari zivuye muri Somaliya bararavye ko atabasirikare boba baragize ingorane zijanye no guhahamuka, Abashika 14 basanze basa n’abahahamutse barakurikiranywe ubu bakaba bameze neza. Ikigo  Akabanga carashoboye kugurura ahandi  gikorera i Nyanza-lac hamwe n’i Gitega. Ico kigo kandi cararonkejwe icuma gishobora guharura bimwe twita CD4, abashika 80 barashoboye kubaharurira.


Twobamenyesha ko yaba Umuyobozi mukuru w’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge, Liyetena koroneli  Muganga Marc Nimburanira , yaba uwurongoye ibiro vy’igisata  c’ubuvuzi mu biro bikuru vy’intwaramiheto, majoro muganga Pie Nibirantije bose barashimishwa n’ivyaranguwe mu bijanye n’amagara y’abantu mur’uno mwaka wi 2014 mu bushikiranganji bwo  kwivuna abansi n’ukwitaho abahoze ku rugamba.

Capt Ngezahayo, S.


 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi