Article

Ukwitaho ineza y’abakozi ni umwitwarariko w’ubuyobozi bukuru bakukira

Ubuyobozi bujejejwe abakozi bakukira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi n’ukwitaho abahoze ku rugamba, bufatanije n’ibindi bisata bitwarwa mur’ubwo buyobozi, bwararanguye ibokorwa bitandukanye, mur’uwu mwaka w’2014, bifise intumbero yo guteza imbere ukubaho neza kw’abakozi bose bakorera mu gisirikare c’Uburundi.

Col. Nzisabira P. Claver : Umuyobozi mukuru ajejwe abakozi mu bushikirangaji

Mu gisata co kwitaho guteza imbere ukubaho neza kw’abakozi bose bakukira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba, ubuyobozi bujejwe abakozi mur’ubwo bushikiranganji barakoze mur’uwu mwaka w’2014, ibikorwa bijanye no gutunganya neza impembo z’abakozi bose, barateguye ibijanye no kwishura amadeni abakozi baba bafashe mu ma banki atandukanye. Ubwo buyobozi bwarateguye kandi intererano abakozi bose babwirizwa gutanga mu gisata kijejwe gutunganiriza kazoza abakozi INSS, hamwe no mu gisata kivuza abakozi ba Leta. Haratunganirijwe abakozi batari bararonse ivyo bafitiye uburenganzira vyose, haratanzwe amahera y’uburaro, hongera haratangwa uturusho tujanye n’ivyo abakozi bamwe bamwe bagiye baranonosorera mu mwuga.


Umuyobozi mukuru, Koloneli Nzisabira P. Claver, avuga ko hari ibindi bikorwa bitaraheza kwigwa neza ariko bifise intumbero yo guteza imbere ubuzima bwiza bw’abakozi mu gisirikare. Ni nko kuraba ingene abakukurutse bashobora kubandanya bagira akamaro mu buzima busanzwe, hari ukwiga ingene hotunganywa uko abakozi bakoreshwa hakurikijwe aho bakenewe hamwe no gusubiramwo itunganywa ry’uburaro ku bakozi.
Mu ntumbero yo kwitaho iterambere ridakumira ry’ubuzima bwiza ku bakozi  mu gisirikare, itegeko nshikiranganji no 520/1863 ryo ku wa 28 munyonyo 2014 riheruka gushiraho ibiro bijejejwe iterambere ridakumira mu gisirikare.


Iruhande y’ivyo bikorwa vyaranguwe, Koloneli Nzisabira avuga ko mu buyobozi arongoye, bama bumviriza iminsi yose mu bwitonzi ntangere ingorane z’ababitura kugira ngo batore umuti uhuye n’ingorane baba bashikirijwe.
Ibindi bikorwa bisanzwe biri mu kazi ka minsi yose vyararanguwe n’igisata kijejwe kwitaho iterambere ry’abakozi mu gisirikare. Amakarata yo kwivurizako arenga 1000 y’abakukurutse hamwe n’amakarata yo kwivurizako arenga 300 y’abasigwa b’abakozi mu gisirikare yarongererejwe ikiringo c’agaciro kazo. Ico gisata nyene carongereje agaciro k ‘amakarata yo kwivurizako arenga 280 y’abamugariye ku rugamba, hamwe n’amakarata arenga 20 y’abatashe kubera imvo z’amagara atakibakundira kubandanya akazi. Harongerejwe kandi ikiringo co gukora amakarata yo kwivurizako arenga 70 y’abasanzwe bafise uburenganzira bwo kuvuzwa n’igisirikare. Ico gisata carafashije kandi imiryango irenga 40 y’ababuze ababo bakora mu gisirikare  kugirango baronke ibisigi vy’ababo.


Umuyobozi w’ico gisata co guteza imbere ukubaho neza kw’abasirikare, Liyetena koloneli Njejimana Zénon, avuga ko bifashishije uburyo basanzwe bakoresha, barashoboye kunguka amafaranga arenga imiliyoni zibiri mur’aya mezi munani ya nyuma y’umwaka w’2014.
Naho hari vyinshi vyakozwe, umuyobozi ajejwe abakozi bakukira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi yamenyesheje ko ingorane zibonekeje mur’uwu mwaka w’2014. Aho twovuga nk’ubukene bw’amafaranga akwiye kugira barihe abakozi baheranywe, hamwe n’amahera y’uturusho ku bakozi bamwe bamwe baba baranonosoye ubumenyi bujanye n’umwuga barimwo. Harabuze kandi itegeko ritunganya ivy’abakozi atari abasirikare ariko bakora mu gisirikare c’Uburundi. Haribonekeje kandi ingorane yo kwegurirwa amatongo yo kwubakamwo mu gatumba ya II, ivyo bigatuma kuronka uburaro ku basirikare vyikwega cane. Hari n’ingorane zijanye no kuriha intererano z’abahora mu migwi igwana mu gisata kijejwe gutegekaniriza kazoza abakozi INSS, hari n’izindi ntererano zitararihwa muri INSS z’abasirikare bamwe bamwe bari mu butumwa bw’akazi hanze y’igihugu. Hari kandi ukudaserukirwa kw’abasirikare muri INSS.
Izindi ngorane n’izijanye no guteba kuriha muri CECAD amadeni abasirikare bamwe bamwe baba barafashe mu mabanke atandukanye hanyuma ntibarihe.
Tubamenyeshe ko integuro y’ibizorangurwa mu mwaka w’2015 mu buyobozi bujejejwe abakozi bakukira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi yamaze kwemezwa.

Capt Ciza, A.
 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi