Article

« Itumatumanako ryiza ryongereza umwumvikano »

Ivyaranguwe mu gisata co gutumatumanako n’ukumenyesha amakuru mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba  muri uno mwaka turiko turasozera birashimishije. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba bwarashizeho umuhora ngurukanabumenyi bwongera buratunganya n’inyigisho zo kunagura abagize ubwo bushikiranganji ku bijanye n’ubuhinga bwo gutumatumanako ku nzego zose.


Umuhora ngurukana bumenyi w'ubushikiranganji ni : www.mdnac.bi
 

Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bwo kwivuna  abansi no kwitaho abahoze ku rugamba bifadikanije n’abagize ubwo bushikiranganji vyarashizeho umuhora ngurukanabumenyi mu kwezi  kwa rusama kw’uno mwaka ukoreshwa n’ubwo bushikiranganji. Uwo muhora witwa www.mdnac.bi washizweho kugira ngo ufashe gukura utugorane tumwe tumwe two gutumatumanako twari tuhari. Muri kino gihe, wandika iryo zina ry’uwo muhora gusa uca wibonera ivyo wipfuza vyose bijanye n’igisirikare c’Uburundi, ivyo ico gisirikare gikora, imigambi yaco n’ibindi bintu mwipfuza tutibagiye ibiganiro vyaciye ku maradiyo no ku mboneshakure bijanye n’ibikorwa vyaranguwe n’inzego z’igisirikare c’Uburundi. Iryo terambere mu buhinga bwo gutumatumanako mur’ubwo bushikiranganji ryaje hageze kuko iterambere mu buhinga bwa none bwo gutumatumanako risaba ko ata muntu yokwiyugarana kandi ata shirahamwe ryofata ibisanzwe ivyiyumviro vy’abanywanyi baryo. Kandi nta shirahamwe na rimwe ryokwirengagiza ivyiyumviro vy’abari hafi yaryo haba ibijanye na politiki, ubutunzi, imibano, imico n’ibindi.


Uwo muhora ngurukanabumenyi wo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba ufise ihangiro ryo gushiraho umwumvikano mu bijanye n’ibikorwa vya minsi yose kugira bushike ku mahangiro bwihaye.  Ico gisirikare kica kiboneka ko gitunganije neza kandi ko gifise ubumenyi mu bisata bitandukanye bikigize harimwo n’igisata c’itumatumanako.
Mu ntumbero yo gufasha kunonosora umwuga ku bagize ibiro bijejwe kumenyesha amakuru, izindi nyigisho zaratanzwe na cane cane mu buhinga bwo gutumatumanako. Muri uno mwaka,
bafashijwe  n’ubwo bushikirananji haratunganijwe kandi mu turere twose twa gisirikare  iyugururwa ry’imiryango ku bapfasoni n’abashingantahe bahurikiye mu mashirahamwe yo gutumatumanako yigenga hanwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politiki. Muri uno mwaka kandi intwazangabo zirenga 105 zaragize inyigisho ku buhinga bwo gutumatumanako. Intwazangabo zababa 80 zararonkejwe inyigisho ku bijanye n’itumatumanako rishimikiye ku mvugo idaturira mu bihugu vyahora mu ntambara n’izindi ntwazangabo zitatu zo mu biro bijejwe kumenyesha amakuru zaronse inyigisho mu bijanye n’ubuhinga bwo gusohora, bwo kuremesha ikiyago, kwandika, gutanga inkuru, gutegura ibiganiro no guhinyanyura ibijanye  n’amajwi n’amasanamu.


Intambamyi zibonekeje mu bikorwa vyatunganijwe ku nzego zitandukanye mu bijanye no gutumatumanako mu nzego  za gisirikare ndetse no mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba zijanye n’umuco wo gutumatumanako utaharanzwe. Uburyo bwo kwiyunguruza kugira baje kurondera inkuru, guhinyanyura no kumenyekanisha inkuru vyabaye ibidashemeye, hamwe rero n’utundi tugorane twaranze itumatumanako mu bikorwa vyo kubumbatira amahoro.Mwomenya ko mu migambi ihari, ibiro bijejwe kumenyesha amakuru bitegekanya kugwiza ibiganiro bica kw’iradiyo, kugwiza isamirana ry’ibiganiro ku ma radiyo n’imboneshakure zitandukanye. Hari kandi kwongereza igitigiri c’ikinyamakuru rumurikirangabo hamwe no gushikana igisata c’ugutumatumanako mu turere twa gisirikare mu ntumbero yo guhesha ishusho ryiza igisirikare c’Uburundi.

Maj NSABIMANA, F.
 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi