Article

Igisata c’inyigisho , isoko ry’iterambere

Igisirikare c’Uburundi caritwararitse bimwe biboneka igisata c’inyigisho uyu mwaka urangiye w’2014. Ivyo vyose bikaba vyakozwe mu ntumbero yo kunagura ubumenyi,kandi umwimbu urashimishije.


Umukuru w'igihugu ashikiriza impamyabushobozi intwazangabo zihejeje amashule


Ibiro bikuru bijejwe inyigisho  vyararinganije inyigisho ku rugero rushimishije. Zikaba zatanzwe ku basirikare bose baba intwazangabo,ibisongerezi vy’intwazangabo canke abasirikare.Izo nyigigisho zikaba zaratanzwe mu mashure atandukanye no mu bisata bitandukanye.


Nko ku nzego za mbere zitegura gutwara amakompanyi,(SPO)intwazangabo zarangije uyu mwaka zagira umurwi wa 38 zikaba zashika ku 60. Nayo ku rwego rukurikira rwitwa CEMCI,rwaramuye intwazangabo 30,rukaba rwari ku murwi ugira 20. Abo nabo bakaba bitegurira gutwara amakambi.Abanyeshure bariko bitegurira kuba intwazangabo bari muri kaminuza y’intwaramiheto bagira umurwi wa 45 baherutse kurangiza inyigisho ziraba ivyerekeye imyimenyerezo ya gisirikare zikorerwa mw’ishamba. Bakaba bariko barasozera inyigisho zirangiza umwaka.Umurwi ugira 32 w’ibisongerezi bitegurira kuba ibisongerezi vy’abatwara umurwi witwa i peloto,nabo bararangije ivyirwa i Bururi .Intwazangabo zikorera mu biro bikuru vy’intwaramiheto zarakwirikiranye uyu mwaka ivyirwa mu vyerekeye ibungabungwa ry’ ivyuma vy’ibinyabwonko. Bamwe mu basirikare bato bato nabo barakwirikiranye inyigisho mu kigo
kijejwe kwigisha imyuga mu Nyakabiga(CFPP),bakaba bahakuye ubumenyi mu vyo kubarira,gukora imodoka,no kwiga gukoresha ibinyabwonko.


Ibiro bijejwe inyigisho vyarateguye kandi ukwinjiza abasirikare baba intwazangabo,ibisongerezi vy’intwazangabo, n’abasirikare bato bato.Ibibazo vyaratanzwe ku basirikare biga ivyerekeye kuvura bibayabaye,igihe abasirikare bari ku rugamba.Abashika 40 rero bakaba baratoye ibibazo mbere bakaba banatanguye ivyirwa uyu mwaka nyene.


  Muri kazoza hagiye    kurangurwa iki ?


Muri kazoza ka hafi ,nkuko uwurongoye ivyo biro bijejwe inyigisho,Jenerari Gateretse Maurice abimenyesha,hagiye kwinjizwa abasirikare muri uyu mwaka w’2015.Intwazangabo hakaba hakenewe 80, ibisongerezi vy’intwazangabo hakaba hazinjizwa 200, nayo abasirikare bato bato bakazokwinjiza 950. Ahatangirwa ivyirwa vya gisirikare kubasirikare, ku Mutukura no mu Mabanda haza ubwa mbere kuko hari inyubakwa zoshobora kwakira ivyo bitigiri bikenewe.Kw’ishure rijejwe imyuga ku muzinda hagiye gushirwaho umurwi wa ba bwanashamba,banakurikiranira hagufi ivyerekeye ibidukikije.Hari n’uwundi murwi uzoshingwa aho nyene ubungabunga imashini mudasobwa.Nayo CEMCI,ivyirwa vyerekeye ibiro bikuru no kurongora ingabo ku rwego rwo hejuru,izohindurwa ishure rikuru ryigirwamwo uburongozi bwa Gisirikare(Staff College). Eka na wa mugambi mushasha wo kwiga kamunuza imyaka 3 uzotanguzwa muri kazoza ka kure.

Capt Nitunga, G.

 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi