Article

Ivyaranguwe n’abibutsamana mu gisirikare birashimishije

Muri uyu mwaka dusozereye, ibiro bikuru vy’abibutsamana birashimishwa n’ibikorwa vyakozwe mu gutunganya ivy’amasengesho hamwe no gukurikirana abasirikare mw’ibanga ryo kwemera. Ivyo biro kandi vyabaye hafi y’abarongoye abandi mu gisirikare kugira ngo hagume ubumwe n’inyifato nziza mu bakigize.
 

Ku bw’umwibutsamana mukuru Gacukuzi Adelin, abasirikare  baritaweho bishimishije mu vyerekeye ivya mpwemu no kuremeshanya. Abibutsamana bararanguye uko bitegekanijwe imirimo bajejwe yo gusengesha no gutunganya ibiganiro bitandukanye haba mu ntara za gisirikare hamwe no mu bari kugarukana umutekano mu bihugu vyo hanze. Abibutsamana bane bararungitswe mu gihugu ca Somaliya, umwe nawe arungikwa mu gihugu ca Centrafrique muri uwo murimo w’iteka.


Ibibanza bishasha vyo gusengeramwo no kuganira ivy’Imana vyarubatswe, izindi zirasubirwamwo. Nko mu ntara ya mbere ya gisirikare, isengero ya pentekoti isa n’iyuzuye, amasengero abiri na yo imwe ya katorika n’iyindi ya angirikani ziriko zirubakwa. Mu ntara ya kabiri ya gisirikare, isengero yubatswe ku mutukura bariko barayiheraheza mu gihe mu ntara ya gatatu ya gisirikare iyindi sengero iriko irubakwa mu kayanza. Ku vyerekeye intara ya kane, isengero imwe yaruzuye mu ntara ya Muyinga, azhakaba hariko hatunganywa ivyigwa vyo kubaka iyindi muri iyo ntara nyene. Mu ntara ya gatanu, isengero imwe isa n’iyuzuye muri komine Rumonge, kandi hari n’umugambi wo kubaka iyindi i Nyanza-Lac hamwe no mu Mabanda.


Umwibutsamana mukuru avuga kandi ko igisabisho gihuza abakirisu bava mu madini atandukanye catunganijwe n’inzego zo kwivuna abansi  be n’iz’umutekano mu kwezi kwa Munyonyo babifashijwemwo n’ibiro vya Nyenicubahiro Umukuru w’ighugu c’’Uburundi. Ishirahamwe ry’abasirikare b’abakirisu mu burundi rihuza abasirikare bari mu madini atandukanye ryaranaguwe riratora n’abarongozi bashasha. Abanywanyi b’iryo shirahamwe batatu, barongowe n’uwuriserukira imbere y’amategeko Jenerali Emmanuel Miburo akaba n’umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igihugu mu vya gisirikare, baritavye inama mpuzamakungu yabereye i Cape Town muri Afilika y’epfo. Intumbero nyamukuru y’iyo nama kukaba kwari kwigisha abayitavye kugira bazohindure intumwa abasirikare bo mu bihugu vyabo mu gushinga ayo mashirahamwe aho atari, n’ugukomeza abanywanyi bayo.


Bamwe mu bitabiriye ubutumire
Mu vyo gutsimbataza amahoro, gukomeza akaranga ka gisirikare n’ukuborohereza kw’abakigize, Umwibutsamana mukuru amenyesha ko bakurikiranye bikwiye imihari y’abakirisu. Imigwi y’abaririmvyi b’abasirikare yaragenderaniye n’iyindi migwi haba iyo mu ma kaminuza y’abigenga canke ya reta, mbere n’ayandi mashengero adakukira igisirikare.
Mwomenya ko n’ikorwa ryo gufasha abatishoboye  ryaranguwe n’abasirikare bafashanije n’abibutsamana. Aha twovuga imfashanyo yatanzwe ku banyagihugu bashonje bo muri Somaliya no ku barundi bateshejwe izabo n’imvura y’isegenya mu Gatunguru, Kinama no mu Buterere.

Maj. Gahongano, E.
 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi