Article

Imigenderanire y’igisirikare C’Uburundi n’ibindi bisirikare vy’ibindi bihugu irashimishije

Ibiro bijejwe imigenderanire mu vya gisirikare vyararonse imfashanyo mu buryo butandukanye.Eka n’abasirikare barakarihirijwe ubwenge ,baraja no kwiga mu bihugu bisanzwe bifashanya.

Ibiro bijejwe imigenderanire mu vya gisirikare biriko birakora kandi bikunga imigenderanire n’ibihugu bigenzi vy’uburundi biserukiwe aha iBujumbura, nk’ubufaransa,ububiligi, Leta Zunze ubumwe za Amerika , ubushinwa, uburusiya,Misiri,Kenya,Tanzaniya,Urwanda, Ubuhindi,afrika yepfo n’ibindi…


Igihe hashikirizwa inyubakwa ku bitaro vy'abasirikare mu Kamenge

Nkuko icegeranyo c’ivyaranguwe muri uyu mwaka w’2014 catunganijwe nivyo biro kibivuga.Ivyo biro biratunganya ingendo z’abaja kwiga hanze bikanabakurikirana nko mu vyerekeye kubatunganiriza imfashanyo. Uno mwaka w’2014, ibiro bijejwe imigenderanire mu vya gisirikare vyaratunganije ingendo z’abasirikare baja mu vyirwa hanze vyaba ivy’igihe gito canke kinini.Ibihugu vyakiriye abasirikare benshi gusumba ibindi ni nk’Ingoma y’Ububiligi yakiriye intwazangabo mirongwine na zitandatu, bakaba bakurikiranye ivyigwa bitandukanye.Aho harimwo abanonosoye ivyirwa  mu gice ca gatatu c’amashure ya kaminuza.
Ubushinwa nabwo nyene bwarashoboye kwakira abashika 29,ahanini bakaba bakurikiranye ivyirwa bitandukanye vya gisirikare.Ubufaransa bwakiriye abashika cumi nabo nyene .Igihugu c’uburusiya n’ikindi gihugu catanze ibibanza vyinshi vyo kwigamwo kubasirikare b’abarundi uno mwaka kikaba catanze ibibanza bishika 21. Leta zunze ubumwe za Amerika zikaba zatanze ibibanza bibiri.Ingoma y’Ubuhollande yarunze imigenderanire myiza mu gufasha mu gisata c’umutekano.Etiyopiya nayo nyene yatanze ibibanza bitari bike bishika kuri 25.Bamwe muri bo bakaba bakwirikiranye ivyirwa mu gihe gito abandi mu gihe kirekire.Hari n’ibindi bihugu nk’Ubuganda, kenya,Tanzaniya,Benin,Guinee Equatoriale,Kongo , Senegal navyo nyene biratanga ibibanza mugabo ku rugero rutoya ugereranije n’ivyo bindi twavuze ubwambere.


Mu mwaka uza ,nkuko bimenyeshwa na jenerari Prime Ngowenubusa,ibiro bijejwe imigenderanire mu vya gisirikare bizotunganya uruganda aho bizotomora neza ingingo ngenderwako zo gutunganya ugufashanya mu vya gisirikare mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba/

Capt Nitunga, G.

 

 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi