Article

Inkino no kwinonora imitsi biteye ku ntambwe ishimishije

Mu gisirikare c’Uburundi ukwinonora imitsi gufise ikibanza gikomeye .Ibiro bijejwe ivyo kumenyereza abasirikare no kubafasha mu vyo kwinonora imitsi bikaba bifise uruhara ntangere  mu gutegura abasirikare b’igihugu. Iruhande y’ivyo ivyo biro bitegerezwa kwama vyitwararika imirwi ya Muzinga ikukira igisirikare c’Uburundi kugira igume mu bibanza vya mbere haba mu mahiganwa yo mu gihugu hamwe na mpunzamakungu.Uno mwaka umwimbu ukaba ushimishije ufatiye ku vyaranguwe n’ibiro bijejwe ivyo kwinonora imitsi.

Imirwi ya Muzinga nka yose ikaba ihagaze neza nk’uko bimenyeshwa n’uwurongoye ivyo biro Majoro Petero Karaveri Bigirindavyi.Uhereye ku mirwi ya Muzinga uko ari ibiri uw’abahungu n’uw’abigeme bakina umupira w’amaboko Volleyball , nibo babaye aba mbere ku rwego rw’igihugu mu mwaka wa 2014.


Umukuru w'igihugu aramutsa abakinyi ba Muzinga

Ihiganwa ry’uno mwaka rikaba rikibandanya ku rwego rw’igihugu.Umurwi wa Muzinga ukina umupira w’amaboko bita Handball nawo nyene ukaba ari wo wa mbere ku rwego rw’igihugu.Ihiganwa ry’uno mwaka ku rwego rw’igihugu rikaba naryo nyene rikibandanya.Ariko mw’ihiganwa ryo mw’ishirahamwe ry’i Bujumbura uwo murwi wa Muzinga Handball ukaba wabaye uwa mbere.Uwo murwi rero bikaboneka ko ushobora gutsindira nubu ikibanza ca mbere uravye ubuhinga n’ubukerebutsi bw’abakinyi bawo.Ku vyerekeye urukino rw’umupira w’amaboko Basketball, umurwi wa Muzinga ukaba ukiri mu kibanza ca gatatu kubera nabo nyene ihiganwa ry’uno mwaka ritararangira. Nayo umurwi wa Muzinga w’umupira w’amaguru ukaba uri mu kibanza ca gatanu kubera ihiganwa ryo ku  rwego  rw’igihugu ritararangira ry’uno mwaka. Imwe muri iyo mirwi ikaba yagiye guserukira Uburundi mu nkino za gisirikare zihuza ibihugu vy’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika yo mu buseruko.Izo nkino zikaba zabereye muri Zanzibar mu gihugu ca Tanzaniya. Imirwi ya Muzinga y’umupira w’amaboko Handball na Basketball ikaba yabaye iya gatatu mu bihugu bitanu vyitavye ihiganwa.Umurwi wa Muzinga w’abigeme bakina urukino rwa Netball bakaba babaye abanyuma kubera urwo rukino rusanzwe rutamenyerewe mu Burundi ndetse rukaba rwatanguriye mu gisirikare c’Uburundi.Ku vyerekeye ubunonotsi bujanye no gusiganwa, Irabaruta Olivier akaba ari we aza mu kibanza ca mbere mu kwiruka ibirometero icumi na bibiri.
Mu nkino za gisirikare zihuza abasirikare bo mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko zabereye muri Zanzibar mu gihugu ca Tanzaniya, uwo munonotsi wa Muzinga akaba yatahukanye ikibanza ca gatatu.Yarashoboye kwitaba n’irindi higanwa mpuzamakungu ryabereye mu gihugu c’Ubutaliyano muri uno mwaka. Kugira abasirikare bagumane amagara meza , harakenewe abigisha  bafise ubumenyi bukwiye.Ni muri iyo ntumbero ivyo biro vyashoboye kuronka amahirwe yo kurungika  intwazangabo zitanu mu gihugu c’Ububiligi gukurikirana ivyigwa vyo kwinonora imitsi.Batatu muri bo bakaba baramaze gutaha abandi nabo bakazoza mu mwaka uza.Hararungitswe kandi ibisongerezi  mu ntwazangabo bibiri mu gihugu c’Ubushinwa kwiga ibijanye n’ivyo kwinonora imitsi.


   Ingorane nyamukuru ziri        muri ico gisata


Ingorane nyamukuru ijanye n’ukubura uburyo bw’amafaranga ico gisata gitegerezwa gukoresha.Ivyo bigatuma ibikorwa bijanye no kumenyereza abakinyi bitagenda neza eka mbere no mu mahiganwa.


       Imigambi yo muri kazoza


Ivyo biro bizokomeza gutegura abakinyi n’abanonotsi bazokwitaba ihiganwa mpuzamakungu rihuza abasirikare b’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika yo mu buseruko.Ata gihindutse hakaba n’abasirikare bazokwitaba inkino  za gisirikare zihuza abasirikare bo kw’isi yose zizobera muri Koreya y’ubumanuko mu mwaka w’2015.Ivyo biro bizoshishikara gutunganya inyigisho zo kwinonora imitsi ku mikangara y’ibisongerezi mu ntwazangabo.Hazokorwa kandi igikorwa co gupima inguvu z’abasirikare bose b’Uburundi kugira barabe umwe umwe wese ingene yifashe mu vy’ubukomezi.

Capt Nininahazwe, JMV.


 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi