Article

Ishirahamwe CECAD ryarateye intambwe ikomeye uyu mwaka w’ 2014

Ishirahamwe ryo kugaranana n’ukwiteza imbere ry’abasirikare mu civugo caryo « Umuheto ustinda ubukene » ryarabandanije gushira mu ngiro ihangiro ryihaye ryo kurwanya ubukene ,kwongera ububasha bwo gusanasana n’ukubaho kw’abanywanyi bahoze ku rugamba hamwe n’imiryango yabo.


Imwe mu nyubakwa za CECAD

Mu ntumbero yo kwegereza  ishirahamwe abanywanyi, ishirahamwe CECAD ryaruguruye  amashami yayo abiri mu gisagara ca Bujumbura, rimwe riri muri komine Musaga irindi muri komine Kamenge ubu amashami akaba angana 11 mu gihugu cose. Mu vyererekeye uko vyifashe mu vy’ubutunzi, ishirahamwe CECAD rikaba ryarabajije  abakozi icokorwa kugira  ishirahamwe ritere imbere. Hashizweho itunganywa ryiza hisunzwe amabwirizwa y’i banki nkuru y’igihugu BRB. Mu ntumbero yo guteza imbere itunganywa neza ry’ishirahamwe ; ubuyobozi bukuru bwa CECAD bwaratunganije gukarihiriza ubwenge abakozi na cane cane abajejwe guharura amahera, abatwara abandi, hamwe no kurondera ibikorwa vyiza vyokorwa kugira borohereze  abanywanyi. Iryo shirahamwe ryaritavye ihwaniro mpuzamakungu rijanye n’ibikorwa vy’amashirahamwe atanga ingurane. Uwurongoye iryo shirahamwe yaramenyesheje ko ubu aribo barongoye komite nshingwabikorwa mu runanni rw’amashirahamwe ajejwe gutanga ingurane ngaha mu Burundi. Umuntu aravye ibiharuro , ubu abanywanyi ba CECAD bangana n’i 35.000 nayo ingurane rimaze guha abo banywanyi ingana n’ i imiliyaridi 20 y’amahera y’amarundi. Nayo amahera yasaruwe uwu mwaka  mu ngurane  iba yaguranye abanywanyi angana n’imiliyaridi mirongo ibiri  mu mahera y’amarundi. Kuvyerekeye ingurane yasavye ayandi ma banki angana n’i imiliyaridi 10 y’amahera y’amarundi. Nayo amahera y’umutahe  iryo shirahamwe rifise angana n’imiliyaridi 13, inyungu  nayo ikaba ingana n’imiliyalidi 2 n’imiliyoni 4 mu mahera y’amarundi.


Mu vyo iryo shirahamwe  ritegekanya gukora mu mwaka uza, rigiye  kwiyubakira inyubakwa nkuru yayo ikindi naco igiye gushira mu ngiro ingingo yo kuziganiriza ubukukuruke abanywanyi.

Maj Nsabimana, F.
 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi