Article

Umwimbu urashimishije mu gisata kijejwe kwubaka

Ivyaranguwe n’ikigo ca  gisirikare kijejwe kubakira uburaro abasirikare  uyu mwaka urangiye  birashimishije. Ico kigo  kiriko kiragerageza gutunganya ibibanza bishika 700 vy’intwazangabo mu Gatumba ya Kabiri eka kikaba carafashije kuronderera impapuro ndangatango ku basirikare.
 

Umuyobozi w’igisata kijejwe kwubaka  RMC Majoro     Gisirimu Désiré  amenyesha ko igikorwa nyamukuru ico kigo kijejwe nu kuronsa uburaro bwa mbere  intwazangabo hisunzwe politike y’uburaro bwa Leta  mu bijanye n’uburaro.Muri uyu mwaka, mu vyerekeye kuronderera uburaro bwa mbere abasirikare , umuyobozi w’ikigo kijejwe uburaro mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi  hamwe no kwitaho abahoze ku rugamba amanyesha ko batanguye kurondera ingene  baha agaciro  ibibanza vy’ abasirikare biri mu Gatumba ya 2, kikaba carafashije no kuronsa impapuro ndangatongo abafise ibibanza  vyo  kubakamwo.
Ico kigo kirafise kandi amasezerano cagiraniye n’abasanzwe bafasha igisirikare mu ntumbero yo kwubakira uburaro bwiza  intwazangabo bafise  ibabanza biri mu Gatumba, bakaba babandanya barondera ibindi bibanza  bishasha  kibifashijwemwo  n’ubushikirananji bwo kwivuna abansi hamwe no kwitaho abahoze ku rugamba.Mu vyerekeye iyindi mirimo kijejwe kirarondera amasoko y’ ibikoresho vyo kubaka n’ibindi. Uyu mwaka kikaba caraguye inyubakwa « ndihankuraze » irimwo ivyumba ariyo « hotel village ingabo ». Iyo nyubakwa ikaba ifise ivyumba bishika mirongo ine.


Ihoteli Ingabo ya gisirikare

Ico kigo kikaba carasubiyemwo inyubakwa bita iya 16 iri mu kirwati c’abasirikare  hakaba harashizemwo ibikoresho vyo mu nzu. Umuyobozi w’ico kigo akaba yaramenyesheje ko baronka akarusho ku musi ku musi. 

Ibitegekanwa mu mwaka w’2015


Uwurongoye RMC ategekanya kwagura no gusubiramwo inyubakwa ya 16,17 na 18 kugira zije ku rugero rumwe n’izindi ndihankuraze zishikiramwo ingenzi , hari no kubaka inyubakwa izoba ariyo gufatiramwo agatutu. Ico kigo kandi kirategekanya kubaka urugo rugabura inyubakwa y’agatatu y’intwazangabo zikorera mu ntara ya mbere ya gisirikare hamwe ni « hoteli Ingabo village ». Mu vyerekeye ibikorwa vyo kurondera amasoko, ikigo RMC kizobandanya gukorana n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere PNUD mu ntumbero yo kuronswa amasoko. Mu ntumbero yo guha agaciro ibibanza vy’intwazangabo biri mu Gatumba, RMC izokorana n’ishirahamwe ryubaka ry’abashinwa hamwe n’Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba.Ico kigo kizobandanya kandi kirondera ibindi bibanza vy’intwazangabo zitararonka uburaro bwa mbere  zikorera mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi hamwe no gukwirikirana abahoze ku rugamba. Ikigo RMC kigiye kubandanya gufasha mu buhinga intwazangabo hamwe n’ibisongerezi mu vyerekeye ivyo gutunganya neza uburaro.
Mwomenya yuko ubuyobozi bwa RMC butegekanya kusubiramwo itunganywa rishasha kugira ico gisata kibe gifise uburyo bukwiye hamwe n’ibikoresho bikwiye nk’imodoka n’ibimashini vyo gukoresha.

Maj Nsabimana, F.
 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi