Kirundi

Article

Abarongoye ishirahamwe INSS baritayeho kazoza keza karyo n’ akabanwanyiautorités de l’INSS sont préoccupées par l’avenir de cette institution et celui de ses affiliés.

Umurwi ugizwe n’ abakozi ba INSS n’ abandi bo mu bushikiranganji bwo kwivuna umwansi no kwitaho abahoze kurugamba baragendeye intara zitandukanye za gisirikare kugirango baganire n’abasirikare , abakukurutse hamwe n’ abasubijwe mu buzima busanzwe bari muri iryo shirahamwe  ku bibazo bikuru bikuru biberekeye.

 

Uwo murwi w’ abahinga ba INSS ntiwari waje kugirango utange inyishu zitomoye kubibazo bitandukanye   dufatiye ku vyo umupfasoni  Siriviya Nzoyifasha, umuyobozi ajejwe imfashanyo muri iryo shirahamwe yabashikirije. Ahubwo intumbero nyamukuru kwari ukurabako abanywanyi   ba INSS bafise i n k u r u    z i k w i y e  k u b i j a n y e n ’ u b u z i m a   n ’ u k u n t u  i r y o shirahamwe rikora. Ku bw’ uwo murwi w’ abahinga, abanywanyi benshi ntibazi  neza ibijanye n’ ugutegekaniriza kazoza abakozi, kikaba ari naco gituma bari baje kugirango batange umuco ku kibanza umunywanyi afise n’ aho bakura amahera INSS

ibafashisha.

Nk’ uko yavyibukije Midogo Diriyano, ajejwe inyigisho no kumenyesha amakuru muri  iryo shirahamwe, ibibazo bikuru bikuru vyagumye bibazwa  muri urwo rugendo bijanye : n’ imyaka yo gukukuruka kurwego rw’ intwazangabo ; guserukirwa kudakwiye mu rwego nshingwantwaro rwa INSS ; kwongereza gushika ku bice 40 % agafashanyo gahabwa abakukurutse babisavye hagati y’ imyaka y ’ 2011 na 2013; kuduza imfashanyo ihabwa abakukurutse ;  gutanga agafashanyo bafatiye k’ukuntu agaciro k’ amahera y ’ Uburundi kaguma gasubira inyuma ; kuduza urugero rw’ amahera bagezako mu kuziganya intererano  bisunze ingene imishahara iduga; gukuraho burundu urwo rugero   bagezako mu kuziganya  iyo ntererano ; ikibazo kijanye n’ intwazangabo zarungitswe gukorera mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburundi n’ ayandi makungu batabandanije baziganya iyo ntererano muri INSS ; gukurikirana impanuka z’ abasirikare bakorera hanze y’ igihugu na cane cane abari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro; kwongereza imfashanyo yo gufuba abapfuye eka n’ibindi.

 

Kudahungabana kw’ ishirahamwe

Abakozi ba INSS barafise ubwoba  ko ubutunzi bw’ ishirahamwe bushobora guhungabana   mugihe bobandanya   batanga imfashanyo y’ abakukuruke kugirango bubahirize uko kudahungabana k’ ubutunzi bw’ ishirahamwe. Intererano zitangwa   nazo nyenezitegerezwa  kudahungabanya u b w o  b u r i n g a n i r e .  K u b w a N i m p a g a r i t s e A l a i n Tr i b e r, icegera c’uwurongoye igisata c’ ubutunzi, ibiharuro n’ ingene b i g e n d a  b i r a h i n d a g u r i k a , amenyeshako muvyo rirangura i s h i r a h a m w e  I N S S  r i k o r a rikurikije ico bita mu gifaransa ‘ ’ s y s t è m e  p a r  r é p a r t i t i o ou système par prestations définies’’.  Ivyo navyo bikaba b i s i g u r a  y u k o  k u g i r a n g o h a g u m e h o    u b u r i n g a n i r e ,ibitigiri vy’ abinjira n’abatanga intererano muri uyo mwaka, bategerezwa kurihira  abatashe muri uwo mwaka nyene kandi bikaguma kurugero rumwe. Ariko rero ibitigiri vy’ abinjira mu gisirikare ntivyama bingana n’ ivy’ abataha. Nico gituma   bigoye kuduza urugero rwohejuru bafatirako  mu guharura intererano canke ngo umuntu arukure burundu igihe cose abishakiye. Kuri iyo mpamvu nyene uwo muhinga yaramenyesheje ko  imfashanyo baha abakukurutse atari  umushahara ahubwo ari  insubirizo ifatiye  ku mpanuka  yo guhagarika akazi bivuye kuyindi mpanuka y’ ubusaza nk’ uko uwo muhinga abisigura.

 

Ibijanye  n’ imyaka intwazangabo zikukurukirako

Naho hatanzwe insiguro zitarinke abantu bamwe bamwe ntibatomokewe. Kukibazo kijanye  n’ imyaka intwazangabo zikukurukirako, iryo shirahamwe baryagirizako ritubahiriza amategeko. Nk’ akarorero baratanze ingingo zimwe zimwe ziri mu mategeko zitubahirijwe.  Jenerali de birigade Nijimbere Prime yaribukije ibiri mw’ itegeko rya INSS n° 3023 ryo kw’igenekerezo rya 25/06 /2003 mu ngingo yaryo ya 14 agace ka kabiri ko ibisabwa kugirango umuntu aronke agafashanyo ko gukukuruka ari imyaka 60 canke 55 y’ amavuko kubatari abasirikare hamwe n’ imyaka 45 ku basirikare. Nicokimwe, Jenerari Majoro Nimubona Sirivesteri nawe nyene yaribukije ko itegeko ry’ Umukuru w’ igihugu numero 100/037 ryo kw‘igenekerezo rya 26/11/1990 ryemeza umurwi wo kubantu bakiri mukazi. Abakozi ba INSS bariho abasirikare nk’ umurwi w’  a b a si r i k a re  n k ’  u m u rwi  w’ a b a k i n g i r w a  i m p a n u k a  n ’ i r y o shirahamwe  bakora mu buryo vy’ ukuri bugoye kandi buruhisha butuma baziganya  amahera arenze kuyindi mirwi ariyo bita mu gifaransa ‘’taux différenciel’’ kikaba arico gituma bakukuruka ku myaka  mirongo ine n’ itanu y’ amavuka. Itegeko ry’ umukuru w’ igihugu n°1/11 ryo kw’igenekerezo rya 29/11/2002 r i j a n y e  n o  g u t e g u r a  g u s h a s h a ibijanye no gukukuruka hamwe no gukinga impanuka z’ akazi kubakozi bagengwa n’amategeko y’ akazi n’ ababakomokako rivuga   mungingo yaryo ya  23 ko: kugirango umuntu aronke imfashanyo y’ abakukurutse, u m u n y w a n y i  a t e g e r e z w a  k u b a akwije ibikurikira:’’kuba ufise imyaka mirongo itandatu canke imyaka isabwa n’ itegeko ridasanzwe rimugenga’’. Kuri ico naco itegeko rigenga intwazangabo riratomora neza ko  ari kumyaka mirongo ine n’ itanu abasirikare bakukuruka. Aho atashoboye kubaha inyishu zitomoye kubibazo bitandukanye vyabajijwe, umupfasoni   Siriviya Nzoyifasha, u m u y o b o z i  a j a j w e  i m f a s h a n y o muri iryo shirahamwe yarahumurije abari muri iyo nama  abamenyesha ko ibibazo vyabajijwe bizoronka inyishu zishimishije inyuma y’ uko umurwi udasanzwe washizweho, ugizwe n’ abo muri INSS hamwe n’ abo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no gukurikirana abahoze ku rugamba, uzoba watanze icegeranyo kubabijejwe bashoboye g u f a t a  i n g i n g o .  U w o  m u r w i washizweho kugirango wige uburyo bwose bushoboka  kugirango bateze imbere ibijanye n’ agafashanyo n’ ibindi  Iryo shirahamwe rikorera abanywanyi baryo.  Na Generari Majoro Nimubona  yari arongoye uwo murwi yarabaremesheje  ko ibibazo nka vyose vyabajijwe vyizwe n’ uwo murwi kandi icegeranyo cawo caramaze kwemezwa.

 

Maj. Mbonimpa, J.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi