Kirundi

Article

Al-shabaab ibohewe mu vyara vy’ingabo za Amisom

Mu mpande zose z’igihugu ca Somaliya, umutwe w’iterabwoba Al-shabaab urasagirijwe n’ingabo za Amisom hamwe n’iza Somaliya aho ziriko zirabohoza ibisagara bikomeye vyari vyarigaruriwe n’izo ntagondwa.

 

Ingabo za Amisom zifatanije n’iza S o m a l i y a      z i m a z e  i m i n s i    z i g i r a   i b i t e r o ,h a k u r i k i j w e  i n g i n g o  y ’ i n a m a ijejwe umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu « ONU » yo kuwa 1 2  m u n y o n y o  2 0 1 3 ,  k u  m u g w i w ’ a b i h e v y i  A l - s h a b a a b    a h o bari mu turere twose kugira ngo zigarukane umutekano mu bice vyose bikirangwamwo Aba Al-shabaab. Ivyo bikorwa vyo kugwanya izo ntagondwa biriko bigenda neza nkuko uwurongoye ingabo za Amisom, Lieutenant Général Silas Ntigurirwa yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru av u g a k o  i b i r i n d i r o  v y o s e v y a Al-shabaab bitegerezwa gufatwa kugira ngo somaliya yose itekane hanyuma abanyagihugu baho babone kuba mu mahoro. Yamenyesheje kandi ko mu kiringo kidashikana ukwezi ingabo za Amisom zitanguye gusugereza umugwi Al-shabaab usanzwe ufashanya n’umugwi wa Al- Qaida, ibisagara bitandatu biramaze gufatwa, ubu bikaba bicungerewe n’ingabo za Amisom zirikumwe n’iza Somaliya. Umukuru w’ingabo za Amisom arongera akavuga ko ifatwa ry’ivyo bisagara bizotuma Leta ya Somaliya ica ishiraho inzego zijejwe i n t w a r o z i k w i r i k i za a m a t e g e k o y’igihugu.

 

A b a r i   b a h u n z e   i n t a m b a r a batanguye gusubira mu mihana y’abo.

Umukuru w’ingabo za Amisom avuga ko kubera umusumirano w’intambara h ag ati y ’ in g ab o  za A mis o m n a Al-shabaab, vyabaye ngombwa ko abanyagihugu bakinjura kugirango bitandukanye n’izo ntagondwa za Al-shabaab. Lieutenant Général Silas Ntigurirwa akamenyesha ariko ko muri utwo turere ingabo za Amisom n’iza Somaliya zafashe abanyagihugu bariko barasubira mu ngo z’abo kandi bacungerewe neza n’izo ngabo ziriko zifashanya n’iza Somaliya mu kugarukana amahoro n’umutekano. Harakenewe imfashanyo yihuta.N’ubwo ibisagara vyinshi vyafashwe n’ingabo za Amisom n’iza Somaliya, abanyagihugu bahaba barakeneye gufashwa bimwe vyihutirwa nkuko u m u k u r u  w ’ i n g a b o  z a A m i s o m abivuga. Avuga ko abo banyagihugu bari mu bukene nta ngere. Agasaba a b a n t u  b o s e  n ’ a m a s h i r a h a m w e ashigikiye igikorwa co kugarukana amahoro muri Somaliya kugira ico bafashije abo banyagihugu bahuye n’ivyago vy’intambara.

 

U m u t e k a n o   w a   S o m a l i y a uzova ku gushaka no kwitanga kw’abanyagihugu b’aho.

L i e u t e n a n t  G é n é r a l  N t i g u r i r w a Silas avuga ko ingabo za Amisom ataco zitazokora kugira zigarukane u m u t e k a n o  m u  g i h u g u  c o s e  c a Somaliya. Ariko agasaba ashimitse abanyagihugu b’aho ko bofasha kandi bagashigikira bimwe biboneka muri iki gikorwa co kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu cose muri rusangi, ariko na cane cane mu gukomeza umutekano mu turere duheruka kuva mu minwe ya Al-shabaab. Umukuru w’ingabo za Amisom avuga ko Somaliya idashobora gutekana mugihe abanyagihugu baho batabishatse kandi ngo bongere bashigikir i b i k o r w a  v y o  k u g a r u k a n a amahoro. Asaba abasomaliya b o s e  g u f a s h a n y a  n ’ i n g a b o z a  A m i s o m  h a m w e  n ’ i z a Somaliya kugirango bacungere bongere bazibire aho hose Al- shabaab ashora kumenera ngo ahungabanye uburere bwose bumaze gufatwa.

U m u t e k a n o  w i f a s h e  n e z a  m u turere ducungerewe n’ingabo za Amisom

Umukuru w’ingabo za Amisom yamenyesheje muri  ico kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyesha makuru ko mu turere twose turimwo ingabo za Amisom umutekano wifashe neza, uretse ko haja haracamwo rimwe rimwe ibitero bidakomeye vya Al-shabaab. Amenyesha ko ingabo za Amisom hamwe n’iza Somaliya zicungereye neza umutekano mu turere twose. Arangiza avuga ko ingabo zibandanya zifashanya n’iza Somaliya mu guhiga intagondwa z’aba Al-shabaab aho ziri hose kugira ngo umutekano w’abanyagihugu ba Somaliya usasagare mu gihugu cose.

Tubamenyeshe ko muri kino gihe aba Al-shabaab basugerejwe n’ingabo za Amisom n’iza Somaliya, bamwe muri bo batanguye kuja barishikana narirya biboneka ko batanguye kuruha.

 

Capt. Ciza, A.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi