Kirundi

Article

Ibikorwa vyo mu gisata kijejwe ibitsina kigenda neza

 Mu ntumbero yo kwigisha ibijanye n’ubungane bw’ibitsina kungabo zagiye kugarukana umutekano n’amahoro mu gihugu ca Somaliya, hamwe n’abanyesomaliya ubwabo, inyigisho zitarinke zaratunganijwe.


Kuva kuwa 20 gushika kuwa 25 nyakanga 2014, igikorwa co kumenyekanisha ibijanye n’ubungane bw’ibitsina n’amabwirizwa ngenderwako agenga ingendo ibereye yo gukinga amabi afatiye kugitsina nivyo vyari ihangiro z’ivyo vyirwa.


Muri ico kiringo, izo nyigisho zabereye ku birometero birenga 150 uvuye ku murwa mukuru wa Mogadishu ahitwa Johwar n’i Jalalaqsi. Inyigisho za mbere zahuza abasirikare gusa mumice yose. Kuwa 25 nyakanga, niho haca haba iz’abanyagihugu ba somaliya gusa.



                                                                                                        Maj. Cimana, C.
 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi