Kirundi

Article

Imirwi ya Muzinga niyo yatwaye ibikombe vy’ihiganwa ku rwego rw’igihugu

Ihiganwa ryo ku rwego rw’igihugu mu mupira w’amaboko Volley-Ball ryasozerewe mu kanyamuneza ntangere ku mirwi ya Muzinga. Ku bigeme, umurwi wa Muzinga ukaba watahukanye igikombe mu gutsinda umurwi wa « Les As ». Ku bagabo naho nyene , umurwi wa Muzinga waraye wirahiye umurwi Rukinzo w’igipolisi c’Uburundi.

 

Ishirahamwe ry ’ umupira   w’amaboko  Volleyball  ryaratunganije    ihiganwa ku rwego rw’igihugu ry’2013. Inkino zo gukurakuranamwo zikaba zabereye mu ntara za Rutana na Muyinga. Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko ry’i Bujumbura  rikaba aho hose ryaserukiwe n’imirwi ine harimwo ibiri y’abagabo n’ibiri y’abigeme. Mu ntara ya Muyinga hakaba hariyo imirwi ya Rukinzo na Amical ku bagabo hamwe n’imirwi ya « Les As » na New Colombe ku bigeme. Mu Rutana naho hakaba hariyo imirwi ya Muzinga na BUN ku bagabo hamwe n’umurwi wa Gender Light na Muzinga ku bigeme. Umurwi wa New Colombe watsinzwe n’umurwi w ’ ishure  ryisumbuye  rya  ENF. Ariko uwo murwi ukaba utashoboye kubandany a  ihiganwa  bivanye nuko abanyeshure bari mu bibazo gutyo umurwi wa New Colombe ubona kubandanya. Inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma zikaba zabereye i Bujumbura. Umurwi wa Rukinzo ukaba watsinze umurwi wa BUN ku maseti 3 kuri 1.Ku rundi ruhande umurwi wa Muzinga wahuye n’umurwi wa Amical.

Umurwi wa Muzinga ukaba watsinze umurwi wa Amical ku maseti 3 ku 0. Mu bigeme naho ,umurwi wa Muzinga ukaba watsinze umurwi wa New Colombe. Umurwi wa « Les As » ukaba nawo watsinze umurwi wa Gender Light. Urukino rwa nyuma ku bigeme rukaba rwahuje umurwi wa « Les As » n’umurwi wa Muzinga. Igikombe c’ihiganwa kikaba catahukanye umurwi wa Muzinga mu gutsinda umurwi wa « Les As » ku maseti 3 ku 0. Ku bagabo , urukino rwa nyuma rwahuje umurwi wa Muzinga hamwe n’umurwi wa Rukinzo w’igipolisi c’Uburundi.Umurwi wa Muzinga ukukira  igisirikare  c ’ Uburundi akaba ari wo watahukanye igikombe c’ihiganwa mu gutsinda umurwi wa Rukinzo ku maseti 3 kuri 1. Iruhande y ’ ibikombe bakababaronkejwe imipira ine ine yo gukina  ku murwi wose.

 

 Mw’ijambo ryiwe, uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Volley-Ball mu Burundi, Rwakiranya Ludoviko yarahanuye cane abakinyi kugira bagire umwete wo kwiga kuko gukina vyonyene ntaho vyobashikana. Akaba  yarakeje  cane  abatwaye ibikombe akamenyesha ko azokora uko ashoboye kugira umupira w’amaboko Volleyball  utere  uja imbere. Imirwi  ya  Muzinga ifitaniye imigenderanire myiza n’abasivire biciye mu nkino. Umurwi  wa  Muzinga            w ’umupira w ’amaboko. Handball warifadikanije n’umurwi w’abigeme bita Galaxy mu mugambi wo guteza imbere urwo rukino mu ntara zo hagati mu gihugu.Bakaba batanguriye kw’ishure ryisumbuye ry’i Buye aho bakinye n’imirwi yaturutse mu ntara za Muyinga na Ngozi. Ku bw’uwurongoye umurwi wa Muzinga, Koloneli Bizindavyi Aloys ngo kari akaryo ko kumenyereza imirwi ya ruguru kugira bipime aho bageze ufatiye ku mirwi y’i Bujumbura.Bene izo ngendo rero ngo zikaba zituma imigenderanire iba myiza hagati y’abasivire n’umurwi wa Muzinga w’igisirikare c’Uburundi.

 

                                                                                                                                   Capt. Nininahazwe, JMV.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi