Kirundi

Ibiro bijejwe imigenderanire mu bushikiranganji

Ibiro bijejwe gutunganya ivy’imigenderanire muvyerekeye inyigisho z’abagize urwego rwa gisirikare na cane cane bagakorana n’ibiro bikuru bijejwe ivy’inyigisho mu biro bikuru vya gisirikare. Hari n’ibijanye no gutunganya neza ivy’imigenderanire yo hanze y’ igihugu ibifashijemwo n’ ubuyobozi bukuru bujejwe ivyo kugura no gutunganya ivyankenerwa mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bamwe no gukwirikirana abahoze ku rugamba.

Ivyo biro birajejwe kandi kwakira hamwe no gucukura ivyegeranyo bivuye mu basirikare baserukira igihugu c’Uburndi mu bindi bihugu. Ivyo biro bikaba ari ikiraro gihuza abafasha urwo rwego hamwe n’abarongoye igisirikare c’Igihugu. Birafise kandi kwiga hamwe no gutunganya ivyoshoboka kugira igihugu kirwize abakunzi mu gushiraho abagiserukira.

Ibiro bijejwe gufashanya bibifashijemwo n’ubushikiranganji bw’ imigenderanira n’ayandi makungu barigira hamwe ivy’imigenderanire  y’Uburundi n’abandi bo hanze y’igihugu babufasha.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi