Kirundi

IBIRO BIKURU BIJEJWE INYIGISHO

  1. Ibigize ivyo biro bikuru

Ibiro bikuru bijejwe inyigisho bigizwe  n’ibiro hamwe n’ibigo  vyo kugiriramwo imyimenyerezo ya gisirikare bikurikira :

  • Ibiro bijejwe abakozi n’ibikoresho vya gisirikare (BPL) ;
  • Ibiro biraba inyigisho z’intango mu gisirikare (BFB);
  • Ibiro biraba inyigisho za kaminuza n’ubuhinga ( BFSS);
  • Ibiro biraba ivyo kwinonora imitsi (BEPS);
  • Ihuriro ry’inyigisho kaminuza za gisirikare (GEMS);
  • Ishule ya kaminuza ry’Intwazangabo (ISCAM);
  • Ishule y’imyuga rya gisirikare (EMM);
  • Ikambi y’I Bururi.

 

  1. Intumbero y’ibiro  bikuru  bijejwe inyigisho

Ivyo biro bijejwe ibi bikurikira:

  • Gushira mu ngiro ingingo  y’Umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto  n’icegera ciwe;
  • Gutegura inyigisho ku migwi yose;
  • Kugira urutonde rw’inyigisho;
  • Gukurikirana ibisata ajejwe;
  • Gukurikirana inyigisho mu bisata vyose no mu migwi yose;
  • Gutegura iyinjizwa ry’abasirikare n’ukuronderaa abigisha;
  • Gutwara, kuraba hamwe no gutunganya ibisata vy’inyigisho;
  • Bafatananije n’uwujejwe igisata c’ abakozi(G1), ivyo biro bijejwe  gutora abaja kwiga mu mahanga;
  • Bafatanije n’ibiro bijejwe imigenderanire n’ibindi bihugu mu gisirikare(BCM), ivyo biro jejwe gukurikirana abasirikare bari kwiga mu mahanga.

Ibiro vyose vyo  mu biro bikuru bijejwe   inyigisho birafise akazi kavyo.

Kuvyerekeye Ibiro bikuru vyo kwigishirizamwo no gukurikiraniramwo imyimenyerezo ya gisirikare bifise intumbero zikurikira:

  • Ihuriro ry’inyigisho kaminuza za gisirikare (GEMS)

 

  • Gutunganya  inyigisho ku ntwazangabo z’igisirikare c’igihugu muri rusangi;
  • Kuraba ingene ivyigwa biba biriko biragenda, indero hamwe n’ivyankenerwa vyose;
  • kuraba akanovera k’inyigisho zitangwa hamwe n’imyimenyerezo itandukanye;
  • Gukurikirana ko ivyigwa biriko biratangwa neza;
  • Kumenyesha umukuru w’ibiro bikuru bijejwe inyigisho, ivyokorwa kugira ngo habe akarusho mu nyigisho;
  • Gutegura neza ibitabu bafatikanije n’urwego rw’abigisha;
  • Guteza imbere ubuhinga bwa gisirikare.

 

  • Intumbero ry’ishule  kaminuza ry’Intwazangabo (ISCAM)

 

  • Gutegura iyinjizwa ry’Intwazangabo mu bigo vy’ishule kaminuza ISCAM
  • Gutanga inyigisho z’intango kubazoba Intwazangabo gushika k’urwego rwa Peroto;
  • Gutegura inyigisho zitandukanye zo gukundisha igihugu  n’izindi zijanye n’agateka ka zina muntu hamwe n’amategeko mpuzamakungu ;
  • Gutunganya inyigisho gushika ku rwego rwa ” Licence”;
  • Gutanga ku mikangara y’Intwazangabo inyigisho zikwiye kugira ngo babe Intwazangabo z’ukuri kandi zigenza neza;
  • Kuraba ko inyigisho za gisirikare n’iza kaminuza ziriko zitangwa neza;
  • Gukurikirana ingene inyigisho ziriko ziratangwa;
  • Kumenyesha umukuru w’ibiro  bikuru bijejwe inyigisho ivyokorwa kugira ngo inyigisho zitere imbere;
  • Gukurikirana imikangara y’Intwazangabo ziri mu nyigisho mu zindi kaminuza ziri aha mu Burundi.

 

  • Intumbero y’ishule ry’imyuga ya gisirikare (EMM)

 

  • Gutanga ku bisongerezi no ku basirikare bato bato  kubabishoboye inyigisho z’ubuhinga mu myuga itandukanye;
  • Kuronsa igisoda abakozi bafise ubuhinga butandukanye mu bisata vy’ubuhinga;
  • Kwigisha ibisongerezi n’abasoda bato bato imyuga itandukanye izobatuma bitunga mu buzima busanzwe bamaze gukukuruka.*

 

  • Intumbero y’ikambi y’I Bururi

 

  • Gutegura iyinjizwa n’inyigisho ku bisongerezi no ku basoda bato bato;
  • Gukurikirana ibigo bijejwe inyigisho z’intango ku bisongerezi no ku basoda bato bato;
  • Gutegura imyimenyerezo ku bisongerezi no ku basoda bato bato;
  • Gutegura ama shule yo kunonosora ivyigwa ku bisongerezi;
  • Gushira mu ngiro urutonde rw’inyigisho muma shule;
  • Kuraba  ibitabo n’ibikoresho vyunganira inyigisho ko bikwiye;
  • Guhanura umukuru w’ibiro bijejwe  inyigisho za gisirikare;
  • Gutegura inyigisho zijanye no gukundisha igihugu, agateka ka zina muntu hamwe n’amategeko mpuzamakungu.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi