Kirundi

IKIGEGA CO KUZIGANYA NO KURANANA HAMWE N’UKWITEZA IMBERE (CECAD)

 

  

1.Kahise k ‘Ikigega co kuziganya no kuguranana CECAD.

Benshi baribaza ingene Ikigega co kuziganya no kuguranana hamwe n’ukwiteza imbere  CECAD cavutse. Iciyumviro co gushiraho ikigega c’Igisirikare catanguye mu myaka ya1990 igihe CADEBU ihomvye. Nkako, mu 1994 ikigega CAMOFI carashoboye gutwara abanywanyi b’absirikare bahejeje gutsindira isoko ryo kuziganiriza Abasirikare.

Igihe rero CAMOFI isubije abasirikare amahera bari baziganije mu1997 yaciye yugara nka CADEBU. Ingingo yo kuyugara yaciye ifatwa itariki ya mbere Munyonyo mu 1998.

Muri ico gihe Ubushikiranganji bwaciye bushiraho umurwi wategerezwa gukorana na CAMOFI yariko irugara kugira bamenye neza igitigiri c’amafaranga abasirikare bari baziganije. Basanze angana umuliyaridi n’imiliyoni ibihumbi amajana umunani. Kuva muri Munyonyo 1998 ayo mafaranga ushereko ayo babika buri kwezi yaciye ashirwa mw’ibanki nkuru y’Igihugu kugira akoreshwe ibikurikira:

  • Gutegekanya ko hari abakenera amahera hataragera ko bayaronka;
  •  Gushirako amafaranga yo kuziganya kugira hazoboneke inyungu;
  •  Gushiraho ingwati y’ingurane zo kugura ibikoresho.

 Muri Rusama 2000 abasirikare bararonse amafaranga yabo bari baziganije kuva 1997. Bahejeje kuronka umutahe n’inyungu ingana na 7 kw’ijana ku mwaka harasigaye amafaranga angana imiliyoni amajana abiri. Abategetsi mu gisirikare bari basavye abahinga ko boyagaburira abari baziganije ariko basanze bidashoboka kubera imvo zibiri:

  • amafaranga baziganya ntiyari amwe kuri bose;
  •  umwanya wo kuziganya ntiwariumwe kuri bose.

Niho baca biyumvira kuyafashisha abamugariye ku rugamba hamwe no kuyatangako ingwati ku basaba ingurane yo kugura ibikoresho. Muri Ndamukiza 2007 igisirikare n’igipolisi baciye bagabura ayari asigaye. Ikigega CECAD rero cavutse itajike 7 Rusama 2007 gica cemerwa n’ibanki nkuru y’igihugu italiki 27 Gitugutu 2007 ica itangura gukora italiki 24 Munyonyo 2007 gifise umutahe ungana n’imiliyoni 8 hamwe n’impano ingana 528429853 FBU hamwe n’imiliyaridi 2 babikiye abasirikare.

Ikigega  CECAD  rero caciye ciyemeza  ibi bikurikira:

  • kurwanya ubukene ku banywanyi;
  • kuduza uburyo bwo kwikenura ku banywanyi;
  • Gutuma imiryango y’abanywanyi idahungabana kubera ubukene.

Ibirori vyo kwinjira ikigega CECAD vyabaye itariki 28  Kigarama 2007 bihagarikiwe na nyene icubahiro umukuru w’igihugu PETERO NKURUNZIZA.

 

 

 

IVYEMEZO KO IKIGEGA GICUNGEREWE NEZA

  • Hariho ubushobozi n’uburambe mu kazi;
  • hariho inyifato irangwa n’ubuntu;
  • ukwicisha bugufi;
  • kutarenganya;
  • kwiyubaha;
  • ubushingantahe n’ubutungane.

Ivyo ni navyo bigize akarangamutima k’abakozi ba CECAD.

CECAD rero igizwe n’inzego zikurikira:

  • IKORANIRO RYA BOSE;
  • URWEGO NSHINGWANTWARO;
  •  URWEGO NSHINGWABIKORWA;
  • URWEGO RUJEJWE GUTANGA INGURANE;
  • URWEGO RUCUNGERA IKORESHWA RY’AMAFARANGA.

INGENE CECAD IKORA

1. KUBIKA:

  • Kwuguruza  utanga 1200FBU  kwongerako 5000FBU;
  • Gushirayo amafranga  uzokenera haciye igihe, CECAD ikungukira 10 kwi 100 ku mwaka;
  • Kuziganya   biciye ku mushahara CECAD ikungukira 7 kwi 100 ku mwaka;
  • Kuziganya  ari ingwati  CECAD ikungukira  0 kwi 100 ku mwaka;
  • Ufatira  muri  CECAD igutwara  500FBU ku kwezi.

2 .KUGURANA

  • Ingurane irihwa mu kwezi kumwe, CECAD itwara  inyungu ingana na 3 kwi 100 guteranya n’agashirukabute kangana na 4 kwi 100;
  • Ingurane irihwa mu mezi abiri canke atatu, CECAD itwara inyungu ingana na 4 kwi 100 guteranya na 2 kwi 100 hamwe na 4 kwi 100 y’agashurukabute;
  • Ingurane ihabwa abaja muri SOMALIYA , CECAD itwara inyungu ingana na 2 kwi 100  guteranya na 2 kwi 100  hamwe na 4 kwi 100 y; agashirukabute;
  • Ingurane irihwa mu mezi atandatu canke mu mwaka umwe; CECAD itwara inyungu ingana na 10 kwi 100 guteranya na 2 kwi 100  hamwe na 4 kwi 100 y’agashirukabute;
  • Ingurane irihwa mu myaka 3, CECAD itwara inyungu ingana na 10 kwi 100 guteranya na 2 kwi 100 hamwe na 4 kwi 100 y ;agashirukabute;
  • Ingurane y;integabizoza; CECAD itwara inyungu ingana na 10 kwi 100 guteranya na 2 kwi 100 hamwe na 4 kwi 100 y’agashirukabute.

ICO CECAD IJEJWE

 Ikigega CECAD  ciyemeje kurwanya ubukene ku munywanyi wese mu gihugu cose.

ICO  CECAD  IGAMIJE

CECAD igamije kuba ikigega  bose borabirako yishimikije amashami yayo n’ibibanza  abanywanyi bahemberwamwo mukuronsa abanywanyi  ivyo basaba, yaba amafaranga canke ibitari amafaranga.

INYIFATO N’INGENDO

  • Hinjira abanywanyi babishaka  kuko bose barugururiwe;
  • Abanywanyi barishira bakizana;
  • Abanywanyi  barafasha muguteza imbere ubutunzi;
  • Ikigega kirigenga kandi kirigaburira;
  • Indero, inyigishi n’ugukurikira amakuru;
  • Kunga urunani hagati y’abakozi;
  • Kwihebera abanywanyi.

Mugusozera twobamenyesha yuko ubwira n ‘ubwitonzi bw’abakozi n ‘abakoresha ari vyo bizotuma CECAD iba ikigega c ‘akarorero ariko abanywanyi bafisemwo uruhara ntangere.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi