Kirundi

Ubugenduzi bukuru mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba ingene butunganijwe

Ubugenduzi bukuru mubushikiranganji bugizwe n’ibisata bikuru bikuru bikurikira :

  • Ubugenduzi bukuru (IP) ;
  • Ubugenduzi bukuru bujejwe ivy’intwaro, ibibazo vy’imibano hamwe n’ivy’ubutunzi (IPAQSB) ;
  • Ubugenduzi bukuru bujejwe imyimenyerezo n’inyigisho za gisirikare (IPIFEO) ;
  • Ubugenduzi bukuru bujejwe ibikoresho vya gisirikare (IPL).

 

Intumbero y’ Ubugenduzi  bukuru bujejwe ibikorwa mubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba

Ubugenduzi bukuru mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi ni urwego rwo kugenzura ibisata vyose vyo muri ubwo bushikiranganji n’ivyo mu biro bikuru vy’intwaramiheto.

Ubwo buyobozi buraronswa uburyo bujanye n’abakozi n’ibikoresho bikenewe kandi biciye mu mategeko kuvyerekeye ishigwa mu ngiro ry’ivyo bwiyemeje.

Ubugenduzi bukuru bujejwe itunganywa  ry‘intwaro, ibibazo vy’imibano hamwe n’ivy’ubutunzi busubirira Ubugenduzi bukuru bujejwe  ibikorwa mubushikiranganji bwo kwivuna abansi n’abahoze ku rugamba mu gihe bwafatiriwe kugira ngo butunganye ibikorwa vya minsi yose.

Intumbero nyamukuru y’ubugenduzi bukuru mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi ntibubuza igenzugwa rikuru ry’ubutunzi kugira itohoza ridasanzwe busabwe n’ubushikiranganji bw’intwaro ibereye canke mubushikiranganji bw’ubutunzi mu vyo bujejwe.

 

1. Ubugenduzi bukuru bwose bwo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba  bufise kandi busangiye intumbero   zikurikira :

  • Kuraba  hamwe no gukirikirana intumbero zo kugenzura ;
  • Gutunganya  ibikorwa vyo ku mwaka ku mwaka mu bugenduzi;
  • Kugira ivyegeranyo  ku mezi atandatu hamwe no ku mwaka vy’ibikorwa bitegekanijwe;
  • Gutunganya hamwe no  kuraba neza itunganywa ry’abakozi;
  • Gutegura  babisabwe n’ubutegetsi bwo hejuru  canke  mu buryo butateguwe umwanya munini mu vyerekeye  intumbero nyamukuru y’ubwo bugenduzi;
  • Kwemeza ivyegeranyo vyagizwe n’abagenduzi bajejwe ivy’ubuhinga.

 

2.  Ubugenduzi   bukuru  bujejwe ivy’intwaro, ibibazo bijanye n’imibano hamwe n’ubutunzi bwisangije  intumbero zikwirikira:

  • Kugendura   ibisata vyo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi n’ukwitaho abahoze ku rugamba, ivyo mu biro bikuru vy’intwaramiheto hamwe n’ivyo mu makambi ingene  bikora n’ingene bitunganijwe;
  • Kugendura ikoreshwa ry’amafaranga yatanzwe mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi n’ukwitaho abahoze ku rugamba;
  • Kugendura ikurikizwa ry’ingingo zijanye n’ivy’imibano  no gusubira mu buzima  busanzwe;
  • Kugendura ingene inzego z’ubutungane za  gisirikare zikora.

 

3. Ubugenduzi bukuru bujejwe  inyigisho  n’imyimenyerezo ya gisirikare bufise intumbero zo kugenzura ibi bikurikira :

  • Ubushobozi bwa makambi muvyerekeye imyimenyerezo ya gisirikare ;
  • Gutunganya inyigisho n’imyimenyerezo ya gisirikare ;
  • Inyigisho z’intango  hamwe n’inyigisho za  kaminuza (ku Ntwazangabo , ku Bisongerezi no ku Basoda bato bato) ;
  • Itunganywa ry’uburongozi ;
  • Itunganywa ry’ibikorwa vya gisirikare ;
  • Itunganywa ry’abasirikare ;
  • Umutekano w’aberanirijwe hamwie;
  • Iyinjizwa ry’abahoze ku rugamba mu makambi ko bijanye n’amategeko ;
  • Itunganywa ry’inyiigisho ku basoda bato bato n’abarongozi mu bisata  vy’agateka ka zina muntu hamwe n’amategeko mpuzamakungu ajanye n’agataka ka zina muntu ;
  • Inyifato y’abasirikare imbere y’abanyagihugu ;
  • Ibibura nyamukuru mu ndero n’imigenzo ya gisirikare.

 

4. Ubugenduzi bukuru bujejwe ibikoresho bufise intumbero zikurikira:

  • Kuraba ishigwa mungiro ry’amategeko   mu bijanye n’ibikoresho  ko bikurikiza ingingo z’uburongozi bukuru;
  • Kugenzura iyakirwa, ukubika hamwe no gukoresha  ubutunzi bwo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi hamwe n’ukwitaho abahoze ku rugamba;
  • Kugenzura ingene amakambi  atunganya  ibikoresho ;
  • Kuraba ko hariho ibitabo vy’amategeko mu bisata n’uko bijanye n’ibihe turimwo.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi