Kirundi

UBURONGOZI BUJEJWE INGABO ZiGWANIRA MU MAZI

  1. Ibigize ubwo burongozi

Uburongozi bujejwe ingabo zigwanira  mu mazi  bugizwe n’amakambi akurikira :

  • Ikambi  ijejwe gucungera  inkengera  z’’ikiyaga no mu kiyaga  Tanganyika
  • Ikambi  igwanira ku butaka ariko igacungera  inkengera z’ikiyaga Tanganyika

2. Intumbero y’uburongozi bujejwe ingabo zigwanira mu mazi:

  • Gukurikiza ingingo zafashwe n’umukuru w’ibiro bikuru  vy’intwaramiheto;
  • Gutwara no kugenzura amakambi bujejwe;
  • Kugenzura  ibikorwa bajejwe ko biranguka neza;
  • Kugenzura ko atabaturengera ku mazi ari ku butaka bw’uburundi  hamwe n’inkengera z’ikiyaga  ku  mpande z’uburundi;
  • Gushigikira ingabo zigwanira k’ubutaka;
  • Gufashanya n’izindi nzego zijejwe  uruja n’uruza mu mazi; igipolisi n’abajejwe  ivy’imbibe.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi