UBUYOBOZI BUKURU BUJEJWE ABAKOZI

Ubwo buyobozi bujejwe gutunganya imigambi ijanye n’ibitigiri vy’abasirikare mu kiringo ca hafi canke co munsi ir’imbere, ivyo vyose bikisunga ibitigiri vyumvikanyweko.Ubwo buyobozi burajejwe kandi gutegura ivyoshobora gukenerwa mu bijanye no gusubiramwo amategeko agenga abasirikare bakiri mu kazi n’abakukurutse. Hariho  kandi gukurikiranira hagufi ingorane zijanye n’imibano, ukuntu ziriko zitorerwa inyishu. Bukwirikiranira hafi kandi ibijanye n’intwaro,ivy’imibano,n’ivy’imishahara y’abasirikare.Ubwo buyobozi kandi buritaho ibijanye no guteza imbere igisata c’indero runtu,ibijanye no gukunda akazi hamwe no gukunda igihugu ku basirikare bose.

Ubwo buyobozi burorohereza kandi agateka ka zina muntu na cane cane ukuntu inzego z’ubucamanza bwa gisirikare bukorana n’izindi nzego zikora ibijanye n’ico gisata.Ubwo buyobozi buranatanga iciyumviro kubijanye no kurungika aho intwazangabo zirangurira imirimo. Baranafasha ubushikiranganji mu bijanye no kugena abasirikare baja guserukira igisirikare mu buserukizi bw’igihugu, mu bihugu bitandukanye.      
 

UBUYOBOZI BUJEJWE IVY ‘INTWARO BUFISE INTUMBERO IYIHE?

Ubwo buyobozi bujejwe gutegekanya imigambi yerekeye abasirikare bakiri mu kazi n’abakukurutse.Ubwo buyobozi burategekanya kandi ivyo gusubiramwo ibiraba ivy’amategeko agenga abasirikare eka mbere n’ibindi bijanye n’ivyo. Buratunganya ibijanye no kwinjiza abasirikare hamwe no kubatunganiriza mu vyo bakenera vyose muri ico gisata.Ntibugarukiraho gusa,kuko buratunganya kandi ivyo kwinjiza abasirikare ku rwego rw’ibiro bikuru vy’intwaramiheto,hamwe n’ibindi bisata bitandukanye mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba.Burafasha kandi kuraba ibikenewe vyose bijanye n’abakozi haba mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi canke mu biro bikuru vy’intwaramiheto.

 

UBUYOBOZI BUJEJWE GUTEZA IMBERE IGISATA C’IMIBANO GIFISE INTUMBERO IYIHE?

Ubwo buyobozi ,butegerezwa gutegekanya inyishu z’ibibazo bijanye n’imibano,biraba abasirikare bose,bukongera bugakwirikiranira hafi ibijanye no gukingira inyungu z’abasirikare bose  muri INSS .

UBUYOBOZI BUTUNGANYA IVY’IMISHAHARA, BUFISE INTUMBERO IYIHE?

Icambere ni ugutunganiriza abasirikare bose ibijanye n’imishahara;hanyuma ni ugutegura kandi ibijanye n’agafashanyo gahabwa ababa bariko bakarihiriza ubwenge mu mahanga.U00bwo buyobozi burakwirikirana ibijanye no gusubiza ingurane ku basirikare baba bazisavye.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi