Kirundi

UBUYOBOZI BUKURU BUJEJWE GUTUNGANYA IMIGAMBI

Ubwo buyobozi bufise intumbero yo gutunganya imigambi mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba.Ubwo buyobozi buraheza bugategururira umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba,ivyo ategerezwa kurungika mu biro bikuru vy’intwaramiheto bijanye n’inyigisho eka mbere n’ibijanye no gutegura gukingira igihugu.Nina bwo kandi busubira gukurikirana ko abo babirungikiwe babishize mu ngiro.

Ubwo buyobozi bukuru butegerezwa kandi kuba butegekanya ibijanye no gukinga impanuka ,hatibagiwe kuringaniza neza umugambi wo kumenyesha amakuru ku buhinga bugezweho.

Ubwo buyobozi buratunganya kandi imigambi ijanye n’ibitigiri vy’abasirikare,ivy’inyubakwa,hatibagiwe ibikoresho;kandi buranaraba ko ivyategekanijwe bishirwa mu ngiro.

Ubwo buyobozi buratsimbataza umutima wo gusenyera ku mugozi  umwe,kurekuriranira,no kwubahiriza agateka ka zina muntu ku basirikare bose.

Ubwo buyobozi kandi butegerezwa gukwirikiranira hagufi ibijanye n’imishikirano iba ku rwego mpuzamakungu,yoba ifitaniye isano n’ivy’igisirikare,bukanarongora amashirahamwe afise umugambi wo gukorana n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi. Bugaca butunganya kandi bukanaraba ko imigambi yo guteza imbere ubushikiranganji yagiye mu ngiro.

UBUYOBOZI BUTUNGANYA IMIGAMBI BUFISE INTUMBERO IYIHE?

 Ubwo buyobozi buriyumvira imigambi ikenewe,bukanayishikiriza ababakurira ariko bakisunga ubuhinga bugezweho,na cane cane hisunzwe umugambi wo gukingira igihugu uko wifashe. Ubwo buyobozi kandi burakwirikirana ibijanye n’umugabi wo gutunganya ibijanye n’imigambi yo guteza imbere ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba.Buratunganya kandi ibijanye n’ibindi bintu bija vyarashitse mu bushikiranganji bufadikanije n’ibisata biba vyaronse ivyo bintu.Buratunganya kandi ibijanye no gukinga impanuka ku rwego rw’ubushikiranganji,bugaca bufadikanya n’ubundi bushikiranganji busanzwe bukorana,ivyo bigaca bikorwa ku rwego rw’igihugu.

 

UBUYOBOZI BUJEJWE UBUHINGA NO GUTEGEKANYA BUFISE INTUMBERO IYIHE?

Ubwo buyobozi bufise , ubwa mbere intumbero yo kuraba ivyo gutegekanya ibibanza vyoza imbere y’ibindi kugira umugambi wo gukingira igihugu ugume wisunga uburyo bugezweho.Aha kandi ubwo buyobozi buraraba ibibanza vyokingirwa imbere y’ibindi. Ni no kuraba kandi ivyobangamira ivyo bibanza hama hagafatwa ingingo , ariko hakisungwa ivyirwa vyoba vyatanzwe n’ubwo buyobozi .Ubwo buyobozi kandi buraheza bugahanura ukuntu uburyo buriho bwokoreshwa neza .

UBUYOBOZI BWO KUMENYESHA AMAKURU, BUFISE INTUMBERO IYIHE?

 Ubwo buyobozi bujejwe gutegura no gushira mu ngiro imigambi y’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba mu bijanye no kumenyekanisha neza igisirikare,kugira kigume kimenyekana kandi neza mu makungu na cane cane kigire isura nziza mu makungu. Ubwo buyobozi bwo kumenyesha amakuru kandi buramenyekanisha imigambi y’ubushiranganji hamwe n’iyigisoda. Burategura kandi bugafasha ibijanye nuko abategetsi ba gisirikare bamenyesha abo batwara imigambi canke ibijanye n’akazi,bugaheza bugakora icegeranyo igihe cose ako kazi benako gakozwe.

Ubwo buyobozi kandi buraheza bugategekanya n’intumbero zofatwa zijanye n’ibiba vyashikirjwe nk’ibibazo.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi