Article

Jenerali Prime Ngowenubusa ni inde ?

Jenerali Prime NGOWENUBUSA ajejwe ibiro vy’imigenderanire ya gisirikare mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi n’ukwitaho abahoze ku rugamba kuva mu kwezi kwa rusama 2014,  yavukiye muri komine Ndava mu ntara ya Mwaro mu mwaka wa 1969. Yize amashure mato mato I Buziracanda n’i Bujumbura kuva mu 1977 gushika 1983. Kuva  mu mwaka w’1984 gushika mu mwaka w’1991, yize amashure yisumbuye kuri koreje ya Buyenzi no kw’ishure ryisumbuye ryo mu Ngagara mu  gisata c’ibiharuro.

Mu kwezi kwa Myandagaro 1991 niho yinjira muri kaminuza nkuru yagisirikare “ISCAM” avuye kuri kaminuza y’Uburundi aho bari bamurungitse kwiga igisata c’ubuganga mu gihe yari ahejeje amashure yisumbuye. Inyuma y’igandagurwa rya Perezida Ndadaye mu mwaka z’1994, yaciye ava muri kaminuza ya gisirikikare agenda gufasha abandi gushing umuhari FDD igisata ca CNDD. Mu mwaka w’I 1998, iyo mihari yagiye hamwe igira umuhari umwe witwa CNDD-FDD.

Muri uwo muhari Jenerali NGOWENUBUSA  yaronse amabanga atari make ahereye  ku gutwara section gushika kurongora igisirikare cose c’uwo muhari mu mwaka w’2001  aho yari yabanje gutwara ikambi, gutwara igisata c’ukurondera inkuri (G2), n’igisata kijejwe ivy’ingwano n’imyimenyerezo(G3) hagati y’umwaka w’1995 n’1998.

 

Amabanga ya Jenerali  NGOWENUBUSA inyuma y’amasezerano y’uguhagarika ingwano mu Burundi

Kuva mu mwaka w’i 2003 gushika mu mwaka w’i 2008 yari mu bagize umurwi w’uguhagarika ingwano wari urongowe n’Umukuru wa ONUB. Inyuma y’iyinjizwa mu gisirikare c’imirwi irwana, yashinzwe amabanga atandukanye: Umuhanuzi mukuru ajejwe integuro n’umutekano mu biro vy’Umukuru w’igihugu, uwujejwe ivy’ingwano n’imyimenyerezo mu biro bikuru vy’igisirikare bike jewe…. (EMIA) imbere yuko aja gukorera hanze y’igihugu muri EASF aho bamushinze amabanga ya G3 naG2  mu biro bikuru vyagisirikare vya EASF. Agarutse mu Burundi 2012 yajejwe amabanga y’Umunyabanga Ntayegayezwa w’Umurwi w’igihugu ujejwe umutekano gushika mu kwezi kwa Ruhuhuma muri uyu mwaka w’ i 2014.

 

Ivyirwa n’ibiganiro yakurikiranye

Kuva muri 2004, Jenerali NGOWENUBUSA  yakurikiranye ivyirwa, ibiganiro n’imyimenyerezo yagisirikare bitandukanye haba mu Burundi canke hanze y’Uburundi nko muri Kenya, Ethiopie,Ubwongereza, Djibouti, Soudan. Aho hose yaharonkeye ubumenyi n’impapuro zivyemeza.

 

Aho ahagaze kubijanye n’iterambere ry’umutekano n’imibano mu Burundi :

Umugambi w’amahoro watangujwe n’ibiganiro hagati y’abanyepolitike b’Abarundi bikarangizwa n’ugushirako umukono kumasezerano y’i Arusha n’amasezerano anyuranye y’uguhagarika ingwano, watumye intambara hagati y’abanyagihugu zihagarara, ugutera intambwe ishimishije mu bijanye n’amahoro n’umutekano hamwe n’ukwisunga intwaro rusangi, ivyo bishikirizwa na Jenerali Pirimo NGOWENUBUSA .

« Intambwe zashitsweko zavuye mu kwitanga bimwe biboneka kw’abanyepolitike n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike bo mu Burundi. Inzego z’ukwivuna abansi n’iz’umutekano bagize uruhara runini kugira iyo ntwambwe ishikweko ; mu kwubahiriza amasezerano y’uguhagarika ingwano bateyeko igikumu no mu gushira mu ngiro umugambi ushiraho igisirikare gihurikiyemwo bose. Ivyamwa vy’uwomugambi bikaba bitakiri agaseseshwa rumuri uyu munsi.

Ishirwaho ry’umurwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira, ni intambwe ikomeye mw’ishira mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro n’ugusubiza hamwe hagati y’Abarundiy’i Arusha. Nico gituma hategerezwa gukorwa ibishoboka vyose ngo uyo murwi ushobore gukora neza. Abarundi bategerezwa kwirinda ico cose coza kibasubiza mu ntambara kuko barazi ivyo bahitiyemwo.  Imishamirano y’urutavanako hagati y’abanyepolitike baharanira inyungu zitandukanye ntiyotegerezwa kuba intandaro y’ugusubiza igihugu mu kaga.Ukudahuza ivyiyumviro, uguheberanira, n’ukuganira biri muvyo igihugu gicamwo  mu nzira yaco yo gushikira igihugu kigengwa n’amategeko n’intwaro rusangi.

 

Abanyepolitike, abadaharanira inyungu za politike n’abamenyesha amakuru bokwirinda gukoresha imvugo zishobora kuvyura indyane zifatiye ku moko na politike. Twokwisunga ijambo ry’Imana riri muri Luka 6 : 45 «» Abarundi ntibagomba abantu bagenzwa n’ikibi haba mu banye politike haba mu bamenyeshamakuru haba no mu badaharanira inyungu za politike. Abangenzwa n’ako gatima n’ibigirankana ntarindi zina bafise  atari abagome. Bategerezwa kwisubirako bagahindura ingendo mu gihe boba bafise ishaka ryo gutwara igihugu. Aboba babigira batabizi, abona bo n’ibitazi ntibakwiye kuba mu baharanira kurongora igihugu. Umwami Salomon, umunyabwenge, aratugabisha mu gitabo  c’Imigani, 18 : 21 avuga ngo : « … »

« Umugambi w’amahoro mu Burundi,  ni nk’inzu ikiri mu rwubako ….. » kubwa  Jenerali Pirimo NGOWENUBUSA

« Amasezerano y’i Arusha n’amasezerano y’uguhagarika ingwano nivyo uwo mugambi uhagazeko. Uwo mugambi ushingiye ku mahoro, umutekano n’ubutungane kuri bose. Uwo mushinge washizweho n’uguhagarika intambara, ugushiraho igisirikare gihurikiyemwo bose, ugukarisha ubwenge, ivyigwa vy’akaranga mutima, n’ibindi.  Impome z’iyonzu twozigereranya n’inzego z’intwaro rusangi zashizweho n’amatora ;  ukuri n’ukurekuriranira navyo bikagereranywa nk’igisenge. Intambwe zibiri zaratewe naho hakirimwo utunenge. Intambwe y’ukuri n’ukurekuriranira izotuma Uburundi bwacu buvavanura n’indyane z’amoko na politike. Izo ntambwe zose zirahambaye kugirango iyo nzu ikomere. Ku bijanye n’udukorwa twokunogereza, kugirango iyo nyubakwa ize ibereye ijisho, twoza dusozera kandi naho tuzoshikirwa dutevye si utwo kwirengagiza. Dukore nk’abazi ico bakora, twerekane icira twakuye  mu vyo twaciyemwo, gurtyo ntituzokwicuze na kare mu kirundi bavugango « ‘Ingero y’umwana ipfa mu magodoka ».

 

Maj KWIZERA, F.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi