Article

Umwimenyerezo bitiriye «Ushirikiano Imara 2014» warangiye ku mugaragaro

Abasirikare, abapolisi hamwe n’abasivile barenga 1900 bava mu bihugu bitanu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko barangije umwimenyerezo «ushirikiano Imara 2014» kur’uwu wa 24 gitugutu 2014 bari bamazemwo indwi zibiri mu ntara ya Mwaro.

Abasirikare barikumwe n’abapolisi n’abasivile bahurikiye mu karere ka Afrika y’ubuseruko bahejeje kurangiza umwimenyerezo bakoreye hamwe «Ushirikiano Imara 2014». Uwo mwimenyerezo wari watanguye igenekerezo rya 13 gitugutu 2014.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ari nawe yari yateye iteka ibirori vyo kwugara uwo mwimenyerezo yarakeje abari bawitavye  ku kwitanga kwabaranze kugira uwo mwimenyerezo ushike ku ntumbero wari wihaye. Yarakeje kandi yongera ashimira cane abawuteguye ku bwira bateguranye ico gikorwa.
Uwo mwimenyerezo warugizwe ahanini n’ibikorwa vyo kugarukana amahoro n’umutekano, ukugwanya iterabwoba, ugukinga ingorane z’ivyaduka hamwe no kugwanya abasuma baca mu mazi bakoresheje amato.  


Harakozwe kandi mur’uwo mwimenyerezo ibikorwa vyo gufasha abanyagihugu mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire myiza hagati y’abanyagihugu n’abasirikare. Abasirikare bajejwe imigendarinire myiza bari kumwe n’abasirikare b’abaganga bagize akarere ka Afrika y’ubuseruko baratanze imiti mu bitaro vyo mu kibumbu na fota hamwe no

ku mavuriro matomato ya kibumbu, fota, mutumba na rutyazo. Abo baganga b’abasirikare nyene baravuye ku buntu abagwayi b’abanyagihugu barenga 400 kuri ayo mavuriro yose. Mu kiringo c’uwo mwimeneyerezo nyene, harubatswe ibirasi bibiri vy’amashure matomato bikaba vyashikirijwe imbere y’umukuru w’igihugu c’Uburundi ari nawe yavyuguruye ku mugaragaro.


Umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba, Generali majoro Pontien Gaciyubwenge, umunyamabanga mukuru w’ishirihamwe rya Afrika y’ubuseruko, Richard Sezibera, umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare, Général major Prime Niyongabo, bose mu majambo yabo bavuga ko bashimishijwe n’ibikorwa vyaranze uwo mwimenyerezo, bakongera bagakeza abawitabiriye kw’ishaka bakoranye kugira ngo uwo mwinyerezo ushike ku ntumbero wari wihaye.


Generali major Hakiza cypriano ari nawe yari arongoye uwo mwimenyerezo avuga ko intumbero nyamukuru y’uwo mwimenyerezo « Ushirikiano Imara 2014 » kwari ugukomeza ivyashitsweko mu myimenyerezo yatanguye, uguteza imbere hamwe n’ugukomeza gukorera hamwe n’abasirikare, abapolisi n’abasivile kugira ngo bose babone kumwe ingene batorera hamwe ingorane zobangamira akarere basangiye. Generali majoro Hakiza akavuga ko ashimishwa cane n’uko ivyo bifuza gushikako muri uwo mwimenyerezo vyose babishitseko neza.


Tubamenyeshe ko uwo mwimenyerezo ukwurikiye uwundi wari wabereye mu mwaka uheze w’2013 mu Burundi ku Muzinda mu ntara ya bubanza.
                                                                                                                         

  Capt.Ciza, A.

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi