Article

Intumbero y’ibitaro vy’abasirikare ni ukuba rurangiranwa

Mu mugambi wavyo wo kwagura inyubakwa, ibitaro vy’abasirikare vyo mu kamenge birerekana icegranyo gishimishije.Ihangiro ngo ni kugira bashobore gufasha neza abagwayi kandi baronke n’ubushobozi  bwo kwakira abasirikare bakomerekeye iyo bari kubungabunga amahoro  mu bindi bihugu kugirango batahukanwe bavurirwe hafi y’imiryango yabo.

Kubwa Lt-Col Marc Nimburanira, arongoye ibitaro vyo mu kamenge, yamenyesheje ko bariko bakora uko bashoboye kose kugire ngo batore inyishu z’bibazo bisanzwe bihanze ivyo bitaro.Ivyo navyo ahakuru ngo vyerekeye ubukene bw’aho bakirira abagwayi hamwe n’ubushobozi  bwo kubakira.Yaramenyesheje ko mu vyaranguwe hashizweho ubuhinga bwa none bita «openclinic’’ bufasha mu gutunganya neza ivya nkenerwa vy’abagwayi muri rusangi hamwe n’ukuronka inkuru zijanye n’igisata  c’ubuvuzi; harubatswe inyubakwa ijamwo ibitanda mirongo itandatu, haragurwa icumba babagiramwo abagwayi  ivyo bikaba vyatumye ivyumba 4 binini binini kandi birimwo ivya nkenerwa hamwe n’icumba co gukanguriramwo abagwayi babazwe biboneka.

Harubatswe kandi n’ububiko bw’imiti bwubahiriza amategeko, haraguwe n’inzu yo gupimiramwo abagwayi kugira habe itandukaniro   hagati y’abagwayi n’ababapima. Yamenyesheje kandi ko umugambi wo gukora amasaha 24 kuri 24 uja watanguye ukuri kwamye ivyo ngo bigafasha mu kwongereza igitigiri c’abakirwa hamwe n’abavurwa.


Mur’iyo ntumbero nyene, uwurongoye ibitaro vyo mu kamenge yamenyesheje ko iyindi migambi iriko irategurwa  iyo nayo ngo ni nk’uwerekeye guhindura inyubakwa mu mice ibiri (igisata c’aho bakirira abagwayi bashitse baremvye hamwe n’ahavurirwa indembe), hari n’umugambi wo kwubaka inyubakwa yagenewe abapfasoni n’abana mu mwaka wa 2015. Kugira ngo ivyo bitaro bikore neza iyo migambi yavyo, ngo birakenewe ko amafaranga arihwa neza kuko akenshi imiti bishika igahera biturutse ku kuntu imiti  idashika  uko bavyipfuza ivuye kubo bagirana amasezerano bo hanze y’igihugu.


Majoro Nkamicaniye Francois Xavier arongoye igisata c’ububiko bw’imiti kur’ivyo bitaro, yamenyesheje ko iyo habuze imiti ikenewe ku bitaro, ico gisata  arongoye gica gikora uko gishoboye kikagura imiti isanzwe ikoreshwa. Asaba abarongoye ivyo bitaro hamwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba kwongereza uburyo bwagenewe kugura imiti kugira bashobore kuronsa ivyo bitaro imiti yose abagwayi bakeneye.


Toyi Samuweli, umugwayi twasanze kur’ivyo bitaro, yamenyesheje ko ibitaro vy’abasirikare vyo mu kamenge bifasha cane mu kuvura neza abagwayi. Akaba yarashinze intahe yemeza ko umugore wiwe yari yasabwe kuja kwivuriza mu gigugu c’Ubuhindi yakize avuwe na Muganga Rémy asanzwe avura  ingwara z’imitsi abanje ku mubaga. Yarongeye kandi aremeza ko ivyo bitaro vyateye intambwe nini  mbere vyongereje n’ubushobozi bwo kwakira abagwayi. Kubwa Capitaine Nkurunziza Jérôme, arongoye igisata bapimiramwo indwara arashima cane umugambi ivyo bitaro vyafashe wo kwagura aho bapimira indwara kubera ko iyo nyubakwa ifasha abapima indwara gukora borohewe. Akaba yamenyesheje ko abagwayi bahora bakirirwa mu kibanza kimwe gusa kandi hari ikibanza kimwe gusa co gufatiramwo amaraso ivyo bigatera intambamyi hagati y’uwakira n’uwakirwa. Asaba abaza kwipimisha kwama bubahiriza isuku akongera akabahamagarira  gushikiriza  ivyiyumviro vyabo kugira ngo bafashe abavura gutora ingorane zabo.

                                                                                                                                                                                                        Capt. Manirakiza, O.

 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi