Article

2014: Ivyaranguwe n’ingabo z’Uburundi mu kugarukana amahoro mu makungu

Kubw’itegeko 2124 ryo kuwa 12 munyonyo 2013 ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryemerera AMISOM gukora ibitero bikomeye, ibisagara bitari bike vyarabohowe mu minwe y’abashababu mu mwaka wi 2014.


Inyuma y’itunganywa  gushasha  ry’uturere two gukoreramwo, inteko z’Uburundi zahawe akarere ka gatanu kari mu ntara yitwa Middle Shabelle. Mu kwezi kwa ntwarante 2014, inteko za AMISOM zarakoze igitero citiriwe  «operation aigle» zica zirigarurira ibisagara 10 vyari vyiziziwe n’intagondwa z’abashababu. Ibohozwa ry’ibisagara vya Warshik na Quorilow (akarereka 5) ryarangutse inteko z’Uburundi zishize hamwe inguvu n’ingabo z’igihugu ca Somaliya.Muri ico kiringo,abasirikare b’Uburundi barerekanye ubushobozi n’ishaka naho urubuga rw’intambara na cane cane amabarabara yari ameze nabi.


Abasirikare b'Abarundi mu gihugu ca Somaliya


Igitero ca kabiri citiriwe «Ibahari indiyano»catangujwe mu kwezi kwa myandagaro 2014. Amaza y’ibiro bikuru vy’umugwi ugira 7 w’inteko z’uburundi yabaye akaryo keza  ku banyagihugu ba Somaliya muri rusangi na AMISOM. Igihe cakurikiye cagenewe imyiteguro hamwe no gupanga ivyerekeye igitero citiriwe «ibahari indiyano». Muri ico gihe, ibirindiro vy’abashababu mu turere twa 4 na 5 twa: Dingalas,Kiliga Chinah,Fidow,Hara Rugole,Jalalasqsi,Raga-Ceel,Xaji Kali na Cadale. Imbere y’ico gitero,izo ntagondwa zinyegeza mu bisagara vyafashwe n’ingabo za AMISOM ziturutse mur’utwo duce turi mu mitumba. Ibikorwa vyaranguwe n’abasirikare b’abarundi vyarashimwe cane. Kubw’iyo mvo,inteko z’Uburundi zari zisanzwe zifise mu gice ca mbere igikorwa co kwigarurira no gucungera ibisagara bikuru bikuru bine ari vyo: Fidow na Jalalaqsi,mu gice ca kabiri naho ibisagara: Raga-Cell na Cadale, vyose biri  mu karere ka Middle Shabelle. Ivyo bitero vya bwirizwa kuba vyarangiye itariki ya 31 gitugutu 2014, ariko kubera ingoga n’ugushaka kw’ubuyobozi bw’izonteko, itariki 03 gitugutu ico gikorwa cari kirangiye. Igice ca mbere catanguye ku wa 28 myandagaro kirangira itariki ya 03 nyakanga 2014. Igice ca kabiri catanguye kuwa 29 nyakanga gica gihera itariki 03 gitugutu 2014. Muri ivyo bitero,ibisagara vyafashwe n’ubu bicungerewe ni Dingalas, KiligaChinah, Fidow, Hara Rugolena Jalalaqsi mu gice ca mbere hamwe n’ibisagara Raga-Cell, Xaji Cali na Cadale mu gice ca kabiri. Muri make, ibitero vyagenze neza ijana kw’ijana.


  Inyigisho n’ukwinagura vyatanzwe

Iruhande y’ivyo bitero vy’abasirikare, hari n’ibindi bikorwa vyinshi vyaranguwe. Abasirikare barigishijwe ku nzego zitandukanye kandi mu mice itandukanye kugira bagume bafise inkomezi z’urugamba.  Bararonkejwe  kandi inyigisho ku bijanye  n’iterambere ridakumira, inyifato mu gihe hari ivyotera, ihahamuka n’ibindi. Kuberako kwigisha abasirikare ba somaliya biri mu bikorwa vya AMISOM, inteko z’Uburundi zarigishije abasirikare ba Somaliya barenga  1200 ivyerekeye agateka ka zina muntu. Ivyo vyaratumye  abo basirikare bagira ingoga nyinshi ku kibuga c’ingwano kuko mu gihe c’ibitero vyose vyabaye bagumana n’abasirikare b’abarundi bigishijwe na bano. Muri kino gihe,kubera ko igitero citiriwe «ibahari indiyano»catumye igice kinini ca Somaliya gikurwa mu minwe y’abashababu, harangwa umutekano n’ibikorwa vyo gusanura izasambutse. N’igihe co gufasha abanya somaliya kubaho mu gihe c’inyuma y’intambara biciye mu migambi yokwiteza imbere itanga umwimbu mu kiringo gito, bagakubitiza agatima mpembero ku mabi y’intambara.
Umutekano mu gihugu ca Somaliya ubu urashimishije n’ubwo hakiri igikorwa kinini kugire ico gihugu gikurwe burundu mu minwe y’intagondwa z’abashababu.

Capt Manirakiza, O.



 

 

Nous contacter  

MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS
Address: Avenue Pierre NGENDANDUMWE
Tel: +(257) 22 225566
Fax: +(257) 22 253215
Email: contact@mdnac.bi
Site Web: http://www.mdnac.bi